IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inama igira icenda y’ubuhindi n’abakuru b’ibihugu vya Afrika i New (...)

Inama igira icenda y’ubuhindi n’abakuru b’ibihugu vya Afrika i New delhi

mardi 19 Ntwarante 2013

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, nyakwubahwa Gerevasi Rufyikiri ari mu rugendo mu gihugu c’ Ubuhindi, igisagara ca New delhi, aho yagiye guserukira Uburundi mu nama igira icenda y’ubuhindi na Afrika.
Intumbero nyamukuru ni ugusigurira no gusaba abanyamitahe guteza imbere ubutunzi bw’igihugu c’Uburundi mu gukorera mu bisata vy’uburimyi, muvy’ukwiyunguruza hamwe n’ubutare n’amasoko ntanganguvu mu Burundi.

Iyo nama itegekanya guhuza abarwizatunga b’abanyafrika, ama Leta yabo hamwe n’abadandaza b’abahindi.

Icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu Gerevasi Rufyikiri yibukije ko abokwipfuza kuzana imitahe yabo mu Burundi ko ibice 45 kw’ijana vy’ubutunzi bw’igihugu c’Uburundi biri mu minwe y’abikorera utwabo.
Ivyo bikagaragaza ko mu Burundi abarwizatunga b’abanyamahanga bahawe ikaze kanatsinda Uburundi bwarateye intambwe ishimishije mu bijanye n’ukworohereza abanyamitahe, abarwizatunga hamwe n’abadandaza bipfuza kuharangurira imirimo yabo.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.