Accueil > Amakuru > u Burundi > Inama mpanuzwajambo za komine zisabwa gukurikiza mategeko
 Inama mpanuzwajambo za komine zisabwa gukurikiza mategeko
 Inama mpanuzwajambo za komine zisabwa gukurikiza mategeko
				
				mardi 4 Ruheshi 2013
Ikurwa rya musitanteri n’abagize inama mpanuzwajambo ya komine rizhora rituma guhera ubu n’ibiro vya komine vyose bikomborwa.
Nk’uko vyashikirijwe na Edouard Nduwimana, guhera ubu, inama mpanuzwajambo ya komine izokura umusitanteri, n’ibiro vy’iyo nama bizoca bikurwa.
Ivyo bikaba vyavuzwe n’umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu  mu nama yagirishije kuri uno musi wa kabiri, ari kumwe n’abatowe mu ntara zose z’igihugu c’Uburundi.
Umushikiranganji Edouard Nduwimana yaciye aboneraho n’akaryo ko gutera akamo abo batowe kugira bareke imigambwe ikore ama nama mu mutekano n’aho ata mpusha boba barinze gusaba.
Floxella Karire
