Accueil > Amakuru > u Burundi > Inama nkuru y’abashingantahe ntinezerezwa n’ingingo zimwe zimwe zifatwa na (...)
Inama nkuru y’abashingantahe ntinezerezwa n’ingingo zimwe zimwe zifatwa na Leta
vendredi 28 Ruheshi 2013
Balthazar Habonimana arongoye inama nkuru y’abashingantahe yatunganije kuri uwu wa gatanu igenekerezo rya 28 ruheshi ikiganiro ku banditsi n’abamenyeshamakuru aho yashaka kugira ico ashikirije ku bibazo bimaze imisi bivugwa hano mu burundi nk’akarorero nk’ica matati y’amatongo
Kubw’umukuru arongoye inama nkuru y’abashingantahe ,amasezerano y’i Arusha y’amahoro hamwe no kunywanisha abarundi yari yarateguyeko hobaho ikigega co gushumbusha abirukanywe mu matongo yabo ,n’ahandi hoho vyoba bigoye kwirukana umuntu mw’itongo ryiwe.
Ku vyerekeye naho rya tegeko rigenga umwuga wo kumenyesha amakuru ,iyo nama nkuru y ‘abashingantahe irashima ingingo yo kudahanisha umunyororo abamenyeshamakuru ariko irababazwa nisubira inyuma cane ry’uburenganzira bwo gutanga inkuru hamwe n’uburenganzira bwo kuronka inkuru.
Ku vyerekeye ikibazo c’abarimu ,inama nkuru y’abashingantahe ikaba isaba leta hamwe n’ama sendika y’abarimu kuraba amabanga bajejwe kuri abo bana bajejwe kurera.,abavyeyi,hamwe n’igihugu cose,hamwe no gutanguza ibiganiro vyukuri hagati y’izo mpande zose.
Floxella Karire