IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Inama nkuru y’umutekano yiyamirije abasoda ba UA mu Burundi

Inama nkuru y’umutekano yiyamirije abasoda ba UA mu Burundi

mercredi 23 Kigarama 2015

Inama y’igihugu y’umutekano imenyesha ko idashigikiye ingingo y’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Afrika yo kurungika abasirikare mu Burundi mu gihe Uburundi nabwo burungika abasirikare gufasha kugarukana amahoro kw’isi.

Umushikiranganji w’umutekano Alain Gullaume Bunyoni yashikirije itangazo ry’inama nkuru y’umutekano yavuze ko bashima uko umutekano mu gihugu wifashe naho hari ibitero vyabaye ku makambi y’abasirikare kw’igenekerezo rya 11 Kigarama 2015.

Muri iryo tangazo,inama nkuru y’umutekano iriyamiriza abanyapolitike bamwe babandanya gukoresha urwaruka mu kubasuka mu ntambara.

Naho biri ukwo,inama nkuru y’umutekano mu Burundi yiyamirije uruhara rw’igihugu c’urwanda,aho imenyesha ko ico gihugu gishigikira kandi kigafasha abashaka gutembagaza ubutegetsi mu Burundi.


Van Naris Mugisha

Messages

  • banka bareka inteko zitegerezwa kuza

  • JEWE.ICONOVUGA.NIBABAREKE.BAZE.KUGARUKANA.UMUTEKA.WABENE.GIHU.KUKO.NDABONA.ABINO.VYABANANIYE.

  • Mbe abobasoda ba UA komuvugang harihonyabwoko bazoba bajegushigikirubuhebwoko?uburundi buratekanye kiretse ayoma cartier yabagwanyi nibabajane mugwanda babuzimyitozo irikuhabera ahokugwanyabiyemerrakobagiye gusenyurubutegetsi bagwanya leta yuburundi bashakagufashafabagwanyikwicumukuruwigihugu.

  • Mbe abobasoda ba UA komuvugang harihonyabwoko bazoba bajegushigikirubuhebwoko?uburundi buratekanye kiretse ayoma cartier yabagwanyi nibabajane mugwanda babuzimyitozo irikuhabera ahokugwanyabiyemerrakobagiye gusenyurubutegetsi bagwanya leta yuburundi bashakagufashafabagwanyikwicumukuruwigihugu.

  • MBE IZONTEKO KUKI BAZIZANA MU BURUNDI?NIBAZITWARE MU RWANDA NIYOZIKENEWE URWANDA RWO RWIVAGA MUVYUBURUNDI RUGAHENDA ABANYE PORITIKE BAVUKIYE MUBURUNDI GO BAZANE AMACAKUBIRI KURI BENEWABO.KANDI MUBURUNDI BITAZOKWIGERA BIBA IMANA TUYISHIZE IMBERE

  • intumva yumva aruko amaso atukuye.nibaze bazokwakirw uko baje
    ubu rero bagira bahitane ya mirwi imaze itera uburundi iyo inyegeye ngo abasoda ba UA.abarundi bo muri 72 sib ba 2015,reka umunoho mwemere mutwarwe namwe mwari mwaratwaye.mbe mwibazako Imana itazoteba itwibuka?ingendo y’uwundi iravuna nimba abadutwara bahawe n’ishamba harigihe ryokumira wewe.Hahangame ubutegetsi bwacu n’Imana tadushiriyeho abaturongora

  • Nibareke Kuza Natwe Turahibereye

  • Umutekano urakenewe hose ,uhungabanye nico civugo c`Uburundi nasanze hano ko nosiga hano siko wese yishire yizane,ukwiye koko Atari wo kuvuga honyene n`uwo mungiro

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.