IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inama nkuru y’umutekano yarasubiriye gukorana

Inama nkuru y’umutekano yarasubiriye gukorana

vendredi 5 Mukakaro 2013

Inama nkuru y’umutekano yasavye Leta ko yohagarika impusha zose zari zarahawe amashirahamwe ahingura inzoga zibujijwe kandi zambiye ku rugero rwo hejuru.

Mw’itangazo bashize ahabona, umunyamabanga w’inama nkuru y’umutekano Prime Ngowenubusa amenyesha ko izo nzoga ziri mu bintu bihungabanya umutekano ku rwego rw’igihugu, yongera yerekana ko arizo nkomoko y’umwanda umaze imisi wibonekeza, uwo mwanda ukaba ariwo wugururira imiryango ingwaro ziturutse ku suku rike nka cholera.

Muri iryo tangazo, mu nama nkuru y’umutekano ntibibagiye kunegura akajagari kamaze iminsi kibonekeza mu mashengero, aho bakaba batanze akarorero ko mw’ishengero rya Anglicane. Basavye ko abagize ico badahurizako bobikemurira mu mashengero iwabo bisunze amategeko, ntibarinde guhungabanya umutekano w’igihugu n’abandi banyagihugu.

Mukaba mwomenya ko iyo nama nkuru y’umutekano yari iremeshejwe na Nyenicubahiro umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza, ari nawe mukuru w’inama nkuru y’umutekano mu Burundi.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.