IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inama nshingamateka yemeje itegeko rigenga amakori

Inama nshingamateka yemeje itegeko rigenga amakori

vendredi 29 Ntwarante 2013

Inama nshingamateka y’Uburundi yaremeje kuwa kane igenekerezo rya 28 Ntwarante 2013, integuro y’itegeko rijanye n’itangwa ry’amakori.

« Intumbero nyamukuru y’iryo tegeko ni ugushinga amategeko agenga itangwa ry’amakori, rizofasha abayatanga kubitahura neza ».Iyo niyo nsiguro yatanzwe mu ntangamarara.

Iyo nteguro y’itegeko irategekanya ishirwaho ry’urwego rutunganiriza abatanga amakori aja mu kigo OBR (Office Burundaise des Recettes) ,aho twovuga nka TVA, amakori y’abakozi batandukanye, amakori ku nyungu z’amashirahamwe, itagisi ku miduga n’amato hamwe n’ikori ku gataka.

Iryo tegeko rirakura utunenge twahora twibonekeza muri ico gisata, abatanga amakori nabo bazohatorere akoyokwe na cane cane ko vyose bizokorerwa ku mugaragaro


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.