Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Inama y’imisi ibiri yiga ikibazo ca Siriya
 Inama y’imisi ibiri yiga ikibazo ca Siriya
 Inama y’imisi ibiri yiga ikibazo ca Siriya
				
				lundi 17 Ruheshi 2013
Abakuru b’ibihugu vya rutura kwisi bakoraniye mu nama ibihuza muri Irland yo mu buseruko, biga ikibazo c’intambara yo muri Siriya.
Umushikiranganji wa mbere w’ubwongereza, David Cameron yamenyesheje ko iyo nama izomara imisi ibiri ishobora kwongera intege ibikorwa vyo kugerageza gutora inyishu ikibazo ca Siriya. Naho Siriya harivyo itumvikanako na Amerika na buraya, umushikiranganji wa mbere w’ubwongereza yamenyesheje ko bose bahuriza ko impari ziri muri Sirya zirangira mu mahoro.
Ivyo rero nivyo bibazo ivyo bihugu vya rutara vyahuye vyiga, Leta y’uburusiya ishigikiye Siriya ikaba irwanya yivuye inyuma ibikorwa vy’abarwanya Leta ya Siriya.
Dorine Irambona
