Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Inama yo gutora umukenyuro w’akarere mu kurwanya Boko Haram yatunganijwe
 Inama yo gutora umukenyuro w’akarere mu kurwanya Boko Haram yatunganijwe
 Inama yo gutora umukenyuro w’akarere mu kurwanya Boko Haram yatunganijwe
				
				samedi 17 Rusama 2014
Umukuru w’igihugu ca Nigeria Goodluck Jonathan, kuri uno wa gatandatu niho yashika mu gihugu c’Ubufaransa, aho agiye mu nama ijejwe umutekano w’akarere, inyuma yaho umuhari w’intagondwa za Boko Haram zinyuruje abanyeshure barenga 200 babakuye kw’ishure bigako.
Iyo nama iza kuba irimwo umukuru w’igihugu c’Ubufaransa François Hollande, hamwe n’abakuru b’ibihugu vya Nigeria, Cameroun, Niger, Tchad hamwe n’abaserukira ibihugu vya Reta zunzubumwe za Amerika, igihugu c’Ubwongereza hamwe n’ishirahamwe ry’ubumwe bwa buraya, mukamenya ko iyo nama ifise intumbero yo kurabira hamwe umukenyuro akarere kofatira umurwi w’intagondwa z’abislamu ba Boko Haram ugisibije mu gihugu ca Nigeria. Uwo murwi wavutse mu mwaka w’2002, ubu ndetse ukaba ubangamiye n’ibihugu bibanyi vya Nigeria.
Tubibutse ko abo barwanyi banyuruje abanyeshure barenga 200 kuwa 14 Ndamukiza i Chibok, mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu ca Nigeria, aho n’amasanamu yabo bana yerekanywe n’umukuru w’uwo muhari Abubakar Shekau, mbere batera ubwoba ubutegetsi bwa Nigeria ko abo bigeme bazohava babarongoza ku nguvu, canke naho babagire abaja, ikibazo catumye n’amakungu yose ahagurukira rimwe mu kwiyamiriza ubwo bubisha.
Floxella Karire

Messages
17 Rusama 2014, 15:14, par rukariha
amakungu nahaguruke mbere natwe badutumeko tuje kubakorerako tubomore abo babisha b’intagondwa.
17 Rusama 2014, 22:08, par Dr Egide
kuki presida wa nigeria yagiye mu bufarasa aho kunyarukira ibujumbura agasaba imbonerakure zikaja kwereka izo ntagondwa za haram?dufise urwaruka rukaze cane rwokwirabamwo izo ntagondwa kandi bogarukana nabo banyurujwe