IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Ubuhinga bwa none > Indege iriko ikorerwa i Gitega ntizohabwa uruhusha rwo kuguruka

Indege iriko ikorerwa i Gitega ntizohabwa uruhusha rwo kuguruka

mercredi 18 Ruheshi 2014

Mu ntara ya Gitega, abahinga cumi na batatu baratanguje uruganda CEAG (Centre d’Essai Aéronautique de Gitega) rw’ugukora indege ya kajugujugu. N’aho abo bahinga bemeza ko vuba iyo ndege izoguruka, mu gisata kijejwe gukurikirana ivy’ikirere mu Burundi bavuga ko abo bahinga batabifitiye uruhusha.

Uwo murwi w’abahinga cumi na batatu urongowe na Gustave Nibizi w’imyaka 31 niwo uriko ukora indege yo mu bwoko bwa kajugujugu bivugwa ko izoguruka ubwa mbere ku genekerezo rya mbere Mukakaro 2014, umunsi Uburundi buzoba buhimbaza imyaka 52 bumaze buronse intahe y’ukwikukira. Abo bahinga bose bamenyesha ko imbere y’ugutangura ico gikorwa, bamaze imyaka itandatu bari mu bushakashatsi bw’ingene boshira mu ngiro ico ciyumviro umwe muribo yagize kuva mu bwana bwiwe. Bariyemerera ko ata nyigisho z’ubwo buhinga bahawe, ariko ko basomye ibitabu vyinshi. Iyo ndege yo mu bwoko bwa kajugujugu izokoreshwa n’imoteri y’imodoka yo mu bwoko bwa Volkswagen. Ibikoresho vyose biriko birakoreshwa mu gukora iyo ndege ni ivyo mu Burundi, ikazoba ifise ibibanza bibiri. Ku munsi wo kuyigerageza, abazoyigenderamwo ni uwozoba ariko arayigendesha, hamwe na Gustave Nibizi, umukuru w’urwo ruganda CEAG (Centre d’Essai Aéronautique de Gitega). Iyo ndege izoshobora kugendera ku muvuduko w’ibirmetero 54 kw’isaha (54Km/h), ikaguruka mu metero 300 uvuye kw’isi (à 300m du sol).

Umuyobozi ajejwe gukurikirana ivy’ikirere n’ibibuga vy’indege mu Burundi (Directeur de l’aviation civile), Albert Maniratunga, amenyesha ko iyo ndege idashobora kwemererwa kuguruka, kuko yakozwe n’abatabifitiye ubuhinga. Mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE, Albert Maniratunga ntahakana ko urwo rwaruka rufise kazoza muvy’ubuhinga, akaruhanura ahubwo ko rwokwegera abahinga babinonosoye, kugira babakarihirize ubwenge. Kubwa Albert Maniratunga, umuyobozi ajejwe gukurikirana ivy’ikirere n’ibibuga vy’indege mu Burundi, naho iyo ndege iriko irakorwa yoba ishobora kuguruka, ntishobora kubironkera uruhusha kubera yakozwe n’uruganda rutemewe n’amategeko, yaba ayo mu Burundi, canke mpuzamakungu, ivyo navyo bikaba vyotuma Uburundi bufatirwa ibihano kuko bwoba bwaretse ikigo kitazwi kigakora indege ishobora kugira ingaruka.

JPEG - 25 ko
Albert Maniratunga umuyobozi ajejwe gukurikirana ivy’ikirere n’ibibuga vy’indege mu Burundi (Directeur de l’aviation civile)

Bitegekanijwe ko kuri uwu wa kane igenekerezo rya 19 Ruheshi 2014, Albert Maniratunga umuyobozi ajejwe gukurikirana ivy’ikirere n’ibibuga vy’indege mu Burundi (Directeur de l’aviation civile), azobonana n’abo bahinga bo muri Centre d’Essai Aéronautique de Gitega kugira bahanahane ivyiyumviro ingene bwokwisunga amategeko muri ubwo bushakashatsi bwabo, babanje guhabwa ubumenyi bukwiye.

JPEG - 59.3 ko
Mu ruganda CEAG (Centre d’Essai Aéronautique de Gitega)

Egide Nduwimana

Messages

  • Hahaha ngaho nibagerageze kuko byaba ari ubwa mbere igikorwa nkicyo kiboneka mu burundi, ndibuka ko no mu rwanda hari uwigeze agerageza nubwo narinkiri umwana ariko ntituzi naho byagarukiye.
    abo bahinga leta nibarebe neza inabongere ubuhinga, hama tujye twikorera izacu, kandi hari n’ubwo yazofasha no mutwara abantu bagiriye insanganya mu mitumba ya hafi aho imiduga itabasha kugera na bwangu.
    Aho kubangira, ahubwo nibabareke bakore, hama nibabona igitekerezo cabo bakigezeho, barebe ingene bobafasha mu kurangura ibyo, nanone kandi barashobora ahubwo kuba abahinga bo mu gisata kimwe mu mashuri makuru yacu.

  • jewe mparira nabantu KO igitega hageze muci abasazi baba benshi none Ubu ntimuvyiboneye!!

  • Ariko ngira ngo irinze iguruka ni yo yoca iza irarerura ka kagwi sinduhije yavuga?

    Ko bahisemwo kuyikora,leta ni ibabe hafi,ibaronderere ababakarisha ubwenge.

    Ivyo bivugisha,ugira ngo barya bazungu birirwa barakora utudendedende,n’uko biiize caaane birenze?

    reka abo bana b’igihugu bigeragereze,turabe.

  • Hahahaha yemwe nimubareke babereke ubuhinga bwabo nibayihagurutsa ikaguruka ikongera ikarwa kwisi yemwe tuzobaha amashi twongere tubamenyekanishe mumakungu.

  • Ahubwo Uwo Muyobozi Nabaronderere Abahinga Bo Mubihugu Bikorindege Baze Babarabire Kwarivyo Bayemeze Canke Bayanke Ndi Emma Rutana .

  • Ahubwo nibabareke kugira murabe ubuhinga bwabo aho buzogarukira hanyuma leta izo gira ico ibunganira bamaze kwerekana ubushakashatsi muriko muratinya abazungu banza mubareke ahubwo mubafate mumugongo boba ari imca bwemge.

  • jewe numva ivyo vyinyigisho vyoza munyuma bamaze kuraba namba uko babitekereje ariko vyagenze. hanyuma reta yarikwiriye kubafata munda ikabafasha kubaronderera ibikenewe vyose, kuko kuruhande rwabo ntakwo batari bagize mukwitangira igihugu.

  • Muri make ,ico ciyumviro s’ic’uno munsi kukw’indege yambere yatanguye gukorerwa muri commune Musigati muntara ya Bubanza ,muti wanguha!muze mutohoze neeeeza, yari yakozwe na Sewabo na Président du Sénat NTISEZERANA Gabriel,ntakinyoma canke guhuguza birimwo ico gihe abakegesi batwara bakaba baciye bamwirukako aho yaciye yomokera mugihugu kibanyi ca TANZANIE n’ubu aramaze kuza kuramukanya deux fois mais ntarizer’Uburundi n’Abarundi kuko yarahatswe ko bamwak’ubuzima.None Albert Maniratunga umwana wo ku MUZINDA muri commune Rugazi mu Ntara ya BUBANZA ati TER’IYOSEMA nta munya GITEGA yokor’iIndege idakorewe muri BUBANZA,ako n’akumiro ka Mubarazi ah’umusuzi uhongor’umuhoro!Karashiz’ingani ikintu coooose kitavuy’i Bubanza ngo ntigikorwe?basha Abahutu narabarahiye ni ba MUHUTU NYENE buca bamarana,Ubu tugira turab’inguvu zaza Ntazangabo zivurwa z’I GITEGA na Deuxième vice Président Gervais RUFYIKIRI wabo ngane banyinyurana na President wa DD NYABENDA Pascal ,Nsesema j.Marie Pascal,Ntisezerana Gabriel,Ministre Côme Manirakiza ,Melchior MUDAWAGARA,Col.Nkezi,clo.Mandevu,Col Bukwaya,Col Patiri,reka mbangire kuko sinobadonda boooose ngo ndabaheze kuko ni Rutovu koko kuko baracigaruriye bariya ba Paysan b’IMBO;ivyo vyose mvuga mbifitiy’ubuhamya n’akazi bakaguhaye bagatohoza k’utava Bubanza bashirwa bagutembagaje,ubu rero tugiye kurab’umugabo ninde Umugore ninde hagati ya Bubanza na GITEGA nzobemera bayihagurukije!nibatabaze SE BARUNDI wenyene kuko natwe niwe yatugarukiye bagira badukinagize,Emama ngo n’Abahima musangiy’ubwoko barakabimye,ntibamenye yuk’Umwana w’Umuhima aterekw’Abatutsi duturuka muzindi Ntara.bahanure barekane baduh’amahoro bazoba bakoze.

  • Nyakwubahwa Albart Maniratunga turabasavye wewe mufatikanije na reta yu Burundu mukore ukobwabaye mwikubite hiryanohino ahomushobora gushikahose muronderere abobashakashatsi uwobafasha kugira bashobora kuronka uburenganzira bwokuzoshika ahobashaka gushika kubijanye nicogikorwa ciza cubushakashatsi batanguye. Nzonezerwacane nokuzokwumva muvuzeko murikomurakora ukobwabaye kugira mufashe abobashakashatsi bacu gushika ahobifuza canke namwe ahomwifuza mubafashekabisa kuko nabanyu nabacu. Kuko bihereye ngaho bogirumubabaro usumba Team yabakinyi bumupira wamaguru bakinye bakanganya niyindi Team munyuma bakaza gutsinda kumunota wanyuma biciye kuma penariti, ndabasavye mubafashe mwifashije. ndi’ Mama.

  • HahahahhAaaa nibareke kubanigira mumenshi bareke bigeragereze mukuyipima naho kwihaguruka nibo bazoyihagurukiriza hanyuma niyabakorora hasi bakagira isanganya nibo bazoba barwikahirije

  • ariko tworonka abantu bafise vision nkiyo tukaba decouraja!!! félicitaions les gars, mukomereze aho wosanga your dreams zibaye folfiled, uburundi nabwo bukavugwa mumakungu ko bukora indege. aba bazungu batangura kuzikora byabatwaye umwanya munini, benshi barapfuye bariko bakora essaie, ariko finalement ils ont réussi, reka abo basore bacu bigeragereze on ne sait jamais.

  • Sha kabisa ndabona ko intambara yononye imitwe yabantu. Ubunyene abarundi babonye ko bashobora kugurukira mundege bikoreye!

  • Ariko Albert, aho kwuvuga ko ugiye kuraba ico wokora kugira baronke uburenganzira bwo kuguruka hanyuma Uburundi bube buteye intambwe uca wemeza ko itazoronka uburenganzira bwo kuguruka? Donc ça veut dire ko wewe ambition, fierté y´igihugu cawe ataco ikubwiye? De grâce pour la 1ère fois un sujet ituma abarundi bose bandika ngaha bahuriza ku kintu kimwe, namwe nimube mwerekana ko mukunda igihugu cacu. Donc bafashe turabe ko indege made in Burundi yobaho.

  • None abo bahinga avuga ko borahurira ubwenge iyo mikangara, hari ico barakora kiguruka? Iyo ni ya nzigo kirundi yanka uwuterimbere. Basore, komera ku muheto.

  • None abo bahinga avuga ko borahurira ubwenge iyo mikangara, hari ico barakora kiguruka? Iyo ni ya nzigo kirundi yanka uwuterimbere. Basore, komera ku muheto.

  • Emwe ko bazi kw’iyumvira.nibaje muri labolatoire bad

  • Ok dukurikije ivyiyumviro abantu batanze nanje ikint nosaba nyakubahwa ALBERT mbona mwobafasha kugira uburundi butere imbere mubonye vyase mubihagarike.ok thank u all.

  • Abantu benshi baragwaye mu mitwe kubera ivyahitiye mu Burundi. Albert yoba asa nabo hamweyobemereragupima volkswagen mukirere!!

  • Muri rusange mbona wogira ngo abarundi ntibazi aho bagana kabisa. Nago numva ukuntu igihugu cogira imigisha yo kubona abantu biyumvira neza bakanabishira mungiro , berekana ivyo bashoboye ubundi ntibafashwe.... nubwo iyo ndege itoguruka ariko ni intango nziza ahubwo . Ubibona gute ejo bundi ibihugu vy’isi yose bigiye biza kugura indege mu Burundi. Ni babanjanjwaho ibindi bihugu birabitwarira.

  • Mbe Ni Igiki Kidashoboka, Umwansi Wa Mbere Wo Kutavumbura Ibintu Bishasha Ni Ukwikengera. Na Barya Babikora Twaremwe Kumwe Twamuka Ku Muvyeyi Umwe Adamu. Ahubwo Dufatane Mu Mugongo Duterane Intege, Murabe Ko Tutazokora N’ibirenze Indege. Murabaza Burya Abirabure Bazi Ubwenge Bwinshi Cane Cane Abarundi. Tubura Umwanya No Gushigikirana!!

  • Mubisanzwe n’abazungu bambere bakoze indege barayiguruye iraguruka, hanyuma mu kugwa irasanzara,abarimwo barapfa. Ariko bamwe muribo basigaye barakosora aho bari barihenze. Ubugira kabiri barakoze iyindi barayigurura iragenda yongera iragaruka ariko igwa nabi mugabo barakomeretse gusa mugabo ntibapfuye. Ubugira gatatu, barayisubiyemwo iraguruka yongera iragaruka iragwa neza baraheza bariruhutsa. Ubu nibo babandanya bakora izi ndege mubona ziguruka ubu twese tugenderamwo ababishoboye. None koko atarinzigo zabo bantu batashakako abandi batera imbere ngo boba babakiranye kandi nonoho ryoba ari ni tunga be ni vy’ishimo ku gihucu cacu n’abakirongoye. ALBERT nabasabire nyabuna kubabijejwe kugira baronke uruhusha rwo kuyigurura atakirinzwe gusabwa. Ninaho twokwemezako dufise "DES SAVANTS". Ariko bivuye kuri bamwebamwe mubategetsi badashakako Uburundi butera imbere, bankirize iterambere ry’igihugu mukugicinyiza muguhuma amaso abanyagihugu banyarucari ngo bariko baragikorera!? Abo bashakashatsi ahubwo nibakomere kurugamba batanguye gushika barutsinze, tuzobashigikira.

  • none iyo ndege yoba imaze gupimwa abantu babona ko ishobora kwaka nkuk tumenyereye izindi?

  • aba rundi turi imbonerakure nikihe gihugu covyiyumvira atiri twebwe ba mutwubaha bana

  • aba rundi turi imbonerakure nikihe gihugu covyiyumvira atiri twebwe ba mutwubaha bana

  • Nibareke Iguruke Kuko Ikwije Vyangobwa. Kandi Bakaba Barahawe Iyo Ngabire Sumuntu Wese Yopfa Kuyuba

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.