IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Indimi zibiri ku nkuru imwe yo muri Reta zigiye guhera

Indimi zibiri ku nkuru imwe yo muri Reta zigiye guhera

lundi 26 Rusama 2014

Abanyagihugu bagiye kutakuragirika kandi ku makuru aba yatanzwe avuye muri Reta, ivyo bikazoba kuko Reta iherutse gutunganya gushasha poritike yo kumenyesha amakuru atandukanye, yo mu bisata bitandukanye vy’ubuzima bw’igihugu.

Nk’uko bamwe mu bahinga muvyo kumenyesha amakuru babivuga, mu gihe Reta ari imwe, inkuru ziva muri Reta zotegerejwe kuba zimwe, n’aho muri Reta usanga hahurira imigambwe itandukanye. Ivyo rero bikaba vyotuma abanyagihugu baronka inkuru y’imvaho kubiba biriko birakorwa na Reta, mu gihe bikunda kwibonekeza mu bari muri Reta canke abavugizi bo mu bushikiranganji butandukanye, bakagaragaza indimi zirenga zibiri, ku kibazo kimwe kiba cerekeye igisata kimwe co mu bushikiranganji.

Mwomenya ko na bamwe mu bavugizi b’ubushikiranganji butandukanye canke ibisata bitandukanye vy’ubuzima bwigihugu, bakenguruka uwo mugambi wa Reta wo gutunganya gushasha poritike yo kumenyesha amakuru mu bisata vyayo. Bamwe mu bavugizi b’ubushikiranganji, bakavuga ko uwo mugambi uje hageze, kuko uzobafasha mu mirimo bajejwe ya minsi yose, kuko iyo mirimo yari ikeneye amategeko ayigenga. Eka ndetse, hari hakenewe umugambi wanditse, kugira nk’abajejwe gutanga amakuru mu bushikiranganji butandukanye hamwe n’amashirahamwe n’inzego zitandukanye, baronke ico bafatirako mu mirimo yabo.

Twobamenyesha kandi ko, ivyo Reta iriko irakora bigiye kumenyekana gusumba, kubera abajejwe ico gikorwa bazoshikiriza inkuru ku vyo Reta iriko irarangura.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ntababesha umutwe wiyinyandiko yanditswe ngaha ntiwasobanukiye neza nobambeshe. Kuko ijambo rivugango; Reta igiye guhera, nomuvyanditwe ngaha ntakintu gisigura neza kwigiye guhenuka! Burya ijambo ryitwa ngo reta igiye guhenuka rirazimvye, riraremereye, riteyubwoba, bishobotse uwuryumvise afise iyaja yohita agenda akava mwicogihugu reta ibigimba ihenuke. Iyoninyandiko yiterabwoba rero yeruye!!! NGO RETA IGIYE GUHENUKA! ABANTUBARAGENDA BAKABONA.!

  • Ububenshinkubwo turabumenyereye aho peter yavuga ngo torelance zero gushika nubuntaciratumarira kumbenamwe muramaramazwa nivyomukora?aho ababakebuye mucamuvuga kwarabansi biterambere ubwobuswaganyibwanyu nibwobuzotuma mubura amajwi
    nkivyashikiye uryamufasoni womuri malawi

  • Ahubwo wwe wa mu dd ngo uri mama urumuswa ivyowanditse numutwe wigisomwa ubona haraho bihuriye?bavuzati indimizi zi2 zahorazivurwa na bategetsi bigihugu ubuzigiye guhera bashikirize ijambo rimwe rizobaryahuriwekonabose
    none ntivyamavyabaye aho abategetsi bama barikuvuguruzanya?umwavugibi uwundi biriya ashira ahoyifitiye inyungu

  • Tugire tworoshe inyuma yimyaka 9 ???? dusigaje umwaka umwe kugira dusezere yaaaa ooo DD urumunyabwege igire kabisaaaa

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.