IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Indwi yahariwe guhasha abadereva badakurikiza amategeko

Indwi yahariwe guhasha abadereva badakurikiza amategeko

vendredi 25 Gitugutu 2013

Abagendesha imiduga biciye kubiri n’amategeko agenga amabarabara, baviriwe hasi n’ubushikiranganji bw’ugutwara ibintu n’abantu. Umushikiranganji Déogratias Rurimunzu akaba amenyesha ko ibihano vya ruhasha bije kugira barandurane n’imizi ukurenga amategeko kw’abadereva bamwe bamwe.

Indwi y’uwa 28 Gitugutu uyu mwaka, umushikiranganji Rurimunzu avuga ko ari indwi y’icabona. Avuga ko indwi izokurikira yo izoba ihariwe kurandurana n’imizi ukurenga amategeko kwa bamwe mu badereva. Muri iyo ndwi, amahadabu y’uguhasha azotangishwa abo bose bigize bakaruhariwe mu kurenga amategeko mu gutwara imiduga. Ihadabu rizogwizwa na kabiri mbere na gatatu, mu burere butandukanye bw’igisagara ca Bujumbura, na cane cane mu gisagara hagati.

Mu nama ari kumwe n’umurwi ujejwe ibibazo vy’ugutwara abantu n’ibintu, umushikiranganji Rurimunzu bikaba vyaboneka ko agiye kuvira hasi akajagari kari mu mabarabara y’igisagara ca Bujumbura, aho imiduga imwe usanga igenda itagira vya ngombwa, iyindi ukayibona mu mabarabara itagira amatara, iyindi intebe zicarwako zaraheze, mu gihe izindi kugira zihaguruke, babanza gufatikanya udutsinga, co kimwe n’abanywera itabi mu miduga ipakiye abantu. Iyo nama rero ikaba ije ikurikira iyo bagiranye n’umuhuza w’abarundi, aho barabiye hamwe ibibazo biri mu gisata c’ugutwara abantu n’ibintu. Muri iyo nama kandi, ikibazo c’amakinga yasubiye kwitembereza hagati mu gisagara ca Bujumbura, amapikipiki nayo agapfa aho ahagaze, n’imiduga yunguruza abantu ikabata mu nzira itabashikanye, ivyo vyose bikaba bigiye gukosorwa kandi mu maguru masha.

Ariko rero bakaba ataco bavuze ku miduga imwe imwe yo mu bushikiranganji butandukanye nayo nyene usanga imwe igenda itagira amatara, aha tukavuga imwe mu imiduga yo mu bushikiranganji bw’umutekano w’abanyagihugu co kimwe n’iyindi yo mu bushikiranganji bw’ukwivuna abansi.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ni uguhasha abantu bose badakurikiz’amategeko. Isuzumwa ribwirizwa kugirwa ku kintu (imiduga, amapikipiki, train, bateau, amakinga n’amafarasi) cose cunguruz’abantu kugire ntihabe amasanganya na desorde, nos seulement i Bujumbura, ariko no mu ntara zose z’u Burundi. Ku banyonga ivyo bikoresho, kirazira kandi kikaziririzwa ko banywa ibiyayur’imitwe harimwo n’inzoga. Uzosangwa agendesha ivyo bikoresho yanyoye inzoga, ni ukumuhana agatako agatanga n’ihadabu ituma atazosubira. Igihugu na beneco ni abokubahirizwa no gukingirwa.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.