IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ingaruka zivuye ku myiyerekano zatanguye kwibonekeza

Ingaruka zivuye ku myiyerekano zatanguye kwibonekeza

mardi 28 Ndamukiza 2015

Abanyagihugu bava mu gisagara ca Bujumbura baduga mu gihugu hagati ni benshi.Bavuga ko bagomba gukinjura kugira ntibahave bahitanwa n’imyiyerekano ibera mu gisagara ca Bujumbura,biteguye kugaruka mu gisagara ibintu bicureshe.

Ku gituro c’imodoka ziduga mu gihugu hagati kiri muri Komine ya Kamenge,abantu ni benshi barindiriye imiduga ibadugana .Ikibazo kiboneka kuri ivyo bituro n’uko imodoka zija mu gihugu hagati ari zike cane ku bituro.

Umwe mu batwara imodoka yunguruza abantu baja mu ntara ya Gitega yatubwiye ko imodoka zikenye,kuko zishobora kuduga ariko zishitse mu gihugu hagati bagaca babura abo bagarukana mu gisagara ca Bujumbura.

Ku gituro c’imodoka z’ishirahamwe Volcano ryunguruza abantu,abari barindiriye imodoka bari benshi ariko gushika igihe c’isaha zitanu n’igice nta modoka nimwe iduga mu gihugu hagati yahari,ivyo bikunyurwa n’irindi shirahamwe ryitwa Mememnto,ryoryo ryugaye.

Uwo twavuganye arindiriye imodoka imuduga mu ntara ya Muyinga,yatubwiye ko igitumye aduga ari ibiriko biraba mu gisagara ca Bujumbura,akaba ashimye kuja kwegera umuryango wiwe kuko umaze iminsi ubimusaba.

Turetse ku modoka z’amashirahamwe yunguruza abantu,ibiciro ku modoka ziva mu gisagara ca Bujumbura zija mu gihugu hagati camaze kuduga,mu gihe uva I Bujumbura uja mu ntara ya Gitega bahora bariha amafaranga 5000 ubu ni amafaranga 12000,kuja mu Kayanza igiciro cagiye ku mafaranga 10000 mu gihe yahora ari 5000,kuja I Ngozi ubu ni amafaranga 15000 mu gihe hahaora hagendwa ku mafaranga 5000.Ivyo bikunyurwa nuko ku gitura ataniziboneka.

Mwomenya ko uyu munsi ugize gatatu imyiyerekano yiyamiriza ikiringo ca gatatu c’umukuru w’igihugu itanguye.

Messages

  • NKURUNZIZA PIERRE,NAHEBE GUSESA AMARASO YABENE BURUNDI KUKO IBIVYOSE KUGATWE KIWE.BENSHI MUMUHANURE YIKEBUKE VUBA KUKO ARAGOWE IMANA YAMUHAYE,IGIY KUMUTURIRA VUBA.

  • NONEKODUFISINTWARI ZIJUNJA NIJAMBO NTIZOTORUMUTIHAKIRIKARE JOBAZOHAVABAVUGANGOTUBATORE ATANYIFATONYIZA BATWEREYE?ABARUNDI TWABBAYEPE,

  • BURYA TURABBONA ABARIK BARABIGIR BAMENY KO TUBABONA ARIKO NIBATAH BADUHE AMAHOR KAND ABARUNGIK BAMENY KO BAZBONA IBAR ABARUND TURAZ UBWENG ESE IYABA MUDASHRAMW UBWOK TESHW MUT

  • NKURUNZIZA NIBAMUREKE KUKO MURUNDI SIWE ARIKO ATUMA IBI BINTU BIBA NABO BA SANS ECHECS BARIKO BARASARA ARIKO IGIHUGU SI CANA NIBABANDANYE KANDI TWEBWE ABANYAGIHUGU BABANDANIJE TUZOZA KUBIKURIRA MWIBARABARA.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.