Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ingaruka zo kubaho utagira umukunzi
 Ingaruka zo kubaho utagira umukunzi
 Ingaruka zo kubaho utagira umukunzi
				
				jeudi 6 Ruheshi 2013
Mu buzima bwa misi yose, umuntu akura ashaka gukundwa kandi ashaka no gukunda. Ivyo rero biba bisigura ko ubuzima bwiwe bukeneye kutigunga kugira aryoherwe.
Mu nyandiko dukesha urubuga ngurukana bumenyi gentside.com, benshi mu bantu bibana usanga ivyago vyabo vyo guhitanwa n’indwara z’umutima n’izindi nyinshi biri hejuru ugereranije n’abafise abo babana nabo.
Abantu baba mu bwigunge bitewe no kutagira uwo babana baba bafise amahirwe yo gufatwa n’indwara zonabahitana
Ivyigwa bibiri vyakozwe bigashirwa ahabona n’abahinga vyerekana ko hagati y’imyaka 45 na 65 vyaragaragaye ko ababa bonyene mu buzima bw’ubwigunge vyongereza gushobora gupfa kare ku bice 24 kw’ijana, naho kubari hagati ya 66 na 80 bo ngo ivyago vyo gupfa vyiyongerako ku bice 12 kw’ijana iyo baba bonyene mu gihe abari hejuru y’imyaka 80 kuba bonyene ataco bibatwara.
Nk’uko ivyo vyigwa bibandanya bivuga, ata myaka yisunzwe, vyaragaraye ko abantu bibana biba bishoboka ku bice 59 kw’ijana kuba bonanirwa gushika ku migambi yabo, haba muvy’akazi canke imigambi ya misi yose.
Icagaragaye kandi abantu batibana baba barusha abibana n’uko batigera bigunga, bo bakaba bagira ivyago vyo gupfa ku rugero rw’ibice 45 kw’ijana.
Mu bishobora guhitana abantu nk’abo bibana, indwara zifitanye isano n’umutima ziza mu bibanza vya mbere mu kwibanda ku bantu bariho baba mu bwigunge.
Tworangiza rero tubabwira ko umukunzi agukunda kandi akakuba hafi, duhereye kuri izi nyigisho, biragarara cane ko yogufasha kuramba no kwirinda imyitwarariko yogukwegera indwara, nawe kandi ukabimufashamwo.
Egide nduwimana

Messages
6 Ruheshi 2013, 08:11, par Paterne
Mbega mbega... turagowe noneho.
21 Kigarama 2016, 08:15, par Joas
None Urukundo,rwatanguyeryari?