Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Ingene ibiharage bishobora guhingurwa mu zindi mfungurwa
 Ingene ibiharage bishobora guhingurwa mu zindi mfungurwa
 Ingene ibiharage bishobora guhingurwa mu zindi mfungurwa
				
				lundi 21 Ndamukiza 2014
Ibiharage ni igiterwa cimbuka cane, kirimwa mu ntara zose z’Uburundi kandi gifise ivyunyunyu vyinshi murivyo ngirakamaro ku magara ya kiremwa muntu. Kugira abantu barushishirizaho gufungura ibiharage, bongere birinde n’indwara zivuye ku bukene bw’ivyunyu mu mubiri, ikigo ISABU kikaba caratoye ubundi buryo bwo kubifungura igihe cose
Mu matohozwa yakozwe n’abashakashatsi mu gisata c’uburumyi, basanze ivyunyunyu biri mu biharage, bifise ubushobozi buvura indwara zikunda gukarira cane cane abana n’abakenyezi bibungenze.
Bimwe mu vyunyunyu batoye biri mu mbuto nshasha zirobanuye z’ibiharage, akaba ari icunyunyu Zinc kivura indwara y’ugucibwamwo hamwe n’icunyunyu Fer kivura indwara yo kubura amaraso mu mubiri. Kugira abantu barushishirizaho gufungura ibiharage, bongere birinde n’indwara zivuye ku bukene bw’ivyunyu mu mubiri, ikigo ISABU kikaba caratoye ubundi buryo bwo kubifungura igihe cose.
 
- Imikate yakozwe mw’ifu (farine) y’ibiharage
Ubwo buryo nabwo akaba ari ugufungura ibiharage biciye mw’ifu (Farine) yavyo.
Eric Nduwarugira, umwe mubagize ubushakashatsi ku mbuto z’ibiharage, mu kiganiro yahaye ikinyamakuru IGIHE, yariganye ukungene igiterwa c’ibiharage gishobora guhingurwa mu buryo butandukanye.
Kugira bishobore kuvamwo nk’ifarini yokorwamwo nk’imikate, ibitumbura, amagato, ibisuguti, n’ibindi nk’ivyo, bafata bagashusha amazi akabira, bagaca bashiramwo ibiharage batoye neza, bakarindira nk’iminota 10, iheze bagaca bakuramwo ya mazi vyarimwo. Baraheza bagashusha ayandi mazi ubwayo mw’isafuriya bagaca bagerekako hejuru isafuriya itoboye, kugira umuhisha w’amazi ari munsi uze urinjira muri vya biharage mu kuringo c’iminota 30. Iyo minota iheze, baca bavyanikira ku zuba mu kiringo c’amasaha abiri canke arenga, vyumye baca babisyesha, ari naho bica biheza bikavamwo, ifarini y’ibiharage yokorwamwo nk’imikate n’ibindi.
 
- Eric Nduwarugira, umwe mubagize ubushakashatsi ku mbuto z’ibiharage
Mu gukora umusururu uvuye mw’ifu y’ibiharage naho, baca batora ibiharage biba vyumye neza, inyuma yo kuvyanikira (etuver) bagaca babikaranga nk’ibiyoba gushika udushishwa two hejuru tuveko kugira akamoto k’ibiharage kavemwo. Mu nyuma baraheza bakabisya bikavamwo ifu ikorwamo umusururu. Muri iyo fu y’umusururu haba harimwo vitamine B, E n’ivyunyunyu vya calicium, magnesium na cuivre. Iyo fu y’ibiharage ishobora kandi kuvangwa n’izindi fu zikorwamwo imisururu, nk’iy’ibigori, y’isoya canke y’ingano.
Abakenyezi bibungenze hamwe n’abana bakaba basabwa kwijukira gufungura imfungurwa zirimwo ivyunyunyu bikwiye kuko ahanini aribo babangamirwa cane mu gufungura nabi.
 
- Ibitumbura vyakozwe mw’ifu (farine) y’ibiharage
Mariella Bukuru
