IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ingingo ishiraho amasaha yo kunywerako ibandanya ihinyanyurwa

Ingingo ishiraho amasaha yo kunywerako ibandanya ihinyanyurwa

jeudi 14 Myandagaro 2014

Mu gihe haba hagati mu gihugu canke mu gisagara ca Bujumbura abatari bake bavuga ko ingingo y’icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu Prosper Bazombanza ishiraho amasaha ntarengwa yo kunywerako, batayitahura nka neza hari itegeko nshikiranganji risubiramwo iyo ngingo.

Hamwe mu makomine y’igisagara ca Bujumbura canke mu mazu y’uburiro bikaboneka ko iyo ngingo yari yafashwe na Prosper Bazombanza itari yakiriwe neza. Bamwe mu badandaza bakaba biyiba bakugurura hataragera, mu gihe ahandi nho bivugwa ko baseserwa ibinyobwa na bamwe mu baporisi, babasaba gutaha. Mw’ishirahamwe ry’ababafise amazu y’ubunywero bakaba nabo nyene bari biyamirije iyo ngingo,aho bamenyesha ko iyo ngingo izotuma bahomba, nk’uko Thomas Bukuru umukuru w’iryo shirahamwe yabivuze.

Mwomenya ko muri iryo tegeko, umusitanteri ashobora kugena amasaha y’ukwugururirako ubunywero, bivanye nuko iyo komine yiwe itunganijwe, agaheza akabishikiriza buramatari. Ariko bamwe mu badandaza canke n’abandi mu baguzi b’ivyo binyobwa, bakaba babona ko ingingo ya Prosper Bazombanza icegera ca mbere c’umukuru w’igihugu yari ije ku banigira mu menshi, mu gihe aho umuntu afatiwe n’akanyota atari yokwihemburiye.


Aristide Nizigire

Messages

  • Ahubwo iyo ngingo yari ikwiye gushirwa mungiro tukaraba ko abarundi rwoheba akaborerwe tukijukira nyubuna ibikorwa.

  • ahubwo ni futwe.kuki reta inyaruka gufata ingingo nkizo hakubanza gutorera ingorane nkurunkuru umuti.ugasanga iyo hageze kurihisha amakori idatangwa kuyatoza murubwo bunywero.umundandaza wibinyobwa ntazosubire kuriha ikori

  • Ewe maria ukunda ivyushigikira pe. erega amasaha siyo abantu banywa,banyw’inzoga. abo bariko baramuhinyuza nibijuju? reka abanywa binywere.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.