IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inguvu zidasanzwe ziracakenewe mu kurwanya ugufungura nabi mu (...)

Inguvu zidasanzwe ziracakenewe mu kurwanya ugufungura nabi mu Burundi

jeudi 3 Mukakaro 2014

Naho hamaze gukoreshwa inguvu zitari nke mu kurwanya ugufungura nabi, Uburundi buracugarijwe n’ikibazo co gufungura nabi hamwe no kubura ibifungurwa bikwiye.

Ivyirwa vyakozwe n’amashirahamwe mpuzamakungu ONU yifadikanije na Reta y’Uburundi mu bijanye no gufungura, vyerekanye ko abantu bafungura indya zidakwiye. Ibitigiri bikerekana ko umuntu afungura imfungurwa zingana n’ama karori 1600, mu gihe yategerezwa gufungura ibingana m’ama karori 2100. Ikimenyetso c’abafungura nabi (indice) kikaba kingana n’ibice 38,8.

Ibiro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu bikaba vyatunganije uruganda kuri uwu wa kane, igenekerezo rya 4 Mukakaro rwari rujanye n’ukwigisha no guhimiriza aberwa n’ikibazo kijanye no gufungura ku vyokorwa vyotuma hashirwa mu ngiro umugambi ujanye no gufungura neza.
Mw’ijambo ryiwe ryo gutanguza urwo ruganda, Gerevazi Rufyikiri, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu yamenyesheje ko ari ivya nkenerwa ko ikibazo co gufungura nabi gitorerwa inyinshu mu maguru masha. Gerevasi Rufyikiri, icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu akamenyesha ko Reta y’Uburundi yihaye intumbero yo kugabanya ugufungura nabi bibonekera mu kudakura ku bana. SUN (Scaling UP Nutrition) akaba ari umwe mu migambi washinzwe mu Burundi mu ntumbero yo kwifatanya n’ibindi bihugu mu kurwanya gufungura nabi. Gerevazi Rufyikiri akavuga ko ari akaryo keza kuri abo bose berwa n’ikibazo co gufungura hamwe n’abasanzwe bashigikira umugambi wo kurwanya gufungura nabi kugira ico bakoze mu gushigikira uwo mugambi wa Reta yo kurwanya gufungura nabi.

Umwimbu muke, ukudahindura ivyo umuntu afungura, kutamenya ivyo umuntu akwiye gufungurira umwana, isuku rike hamwe n’irwirirana ry’abantu, mukamenya ko ari bimwe mu bituma hibonekeza ugufungura nabi mu Burundi.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.