IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Insamirizi n’imboneshakure RTNB yabuze umwe mu bakozi bayo

Insamirizi n’imboneshakure RTNB yabuze umwe mu bakozi bayo

mardi 12 Myandagaro 2014

Insamirizi n’imboneshakure y’igihugu (RTNB) yabuze umwe mu bakozi bayo, Léonard Siryuyumunsi yitavye Imana mw’ijoro ryo ku munsi w’Imana. Uwo yitavye Imana yahora arongoye igisata c’abafata amasanamu (Chef du Service Exploitation à la Télévision Nationale du Burundi), akaba kandi yari mu murwi ujejwe gutegura iminsi mikuru y’igihugu. Mu biro vy’umukuru w’igihugu biyemeje gufasha mu gushingurana iteka uwo mukozi wa RTNB.

Léonard Siryuyumunsi yasezeye isi mw’ijoro ryo ku munsi w’Imana igenekerezo rya 10 Myandagaro 2014. Yahora ari umukozi w’imboneshakure y’igihugu RTNB, mu gisata c’abafata n’abashingura amasanamu (Chef du Service Exploitation à la Télévision Nationale du Burundi). Léonard Siryuyumunsi yari kandi mu murwi ujejwe gutegura iminsi mikuru y’igihugu, akaba yari no mu murwi wateguye ihimbazwa ry’isabukuru ry’imyaka 50 Uburundi bwari bumaze bwikukiye. Mu biro vy’umukuru w’igihugu bamenyesha ko bakiranye umubabaro urwo rupfu rwa Léonard Siryuyumunsi, bakaba baboneyeho n’akaryo ko guhoza umuryango wiwe, abo bakoranye, hamwe n’umuryango w’abamenyeshamakuru muri rusangi.

JPEG - 24.9 ko
Léonard Siryuyumunsi

Mw’itangazo basohoye, mu biro vy’umukuru w’igihugu bamenyesha ko biyemeje gufata mu mugongo umuryango wabuze, mu kuriha ibikenewe vyose kugira umuhisi Léonard Siryuyumunsi ashinguranwe iteka.


Egide Nduwimana

Messages

  • @igihe ko mutatubariye ica mugaritse?yahwanye nisanganya,igwara ,ncanke

  • Murakoze kuri iyo nkuru. Mais nkuko Ntwari abivuze, ntimwatubwiye icamwishe. Ikindi bashimikiye ku biro vy umukuru w igihugu caane gusumba aho yakora RTNB. Womenga yakora mu biro vy umukuru w igihugu. Abandi ntimwatubwiye ico bavuga nico bazofasha. Mwogerageza kandi mukareka gusubiramwo ibice bimwe bimwe vy inkuru. mwabuvuze rimwe birakwiye. Murakoze

  • Igihe uwomuhisi yahitanweniki? Kandumuntunkuwo mugihe mwashimwe kudutangariza ko yitavye Imana ukwosikwo mwarikwandika kandindazi komubizi kuko mwariguhera igiheyavukiye,ahoyize, ivyoyakoze vyomwabiciye kumayange etc. Kukomengo mwatubwiye umwana wukwezi 1 kwamavuko.

  • Imana imuhe iruhuko ridahera niba yavuye mu mubiri amaze gutunganya ubugingo bgiwe.Nanone turababazwe ningene mwabivuze wogira ngo ni akanyegeri kapfuye atanuwumenya icakishe,none mutubariye muti yagwaye igihe kingana uku,yagonzwe ni imodoka,yarashwe,nibindi ariko ngoyapfuye stop ..........yarize,numurimyi,numwubatsi,numubaji,nibindi......Ese yakora mubiro vyu umukuru wi iguhugu.....?

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.