IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Intara icenda nizo zahiswemwo mu gukingirwa indwara ya suna

Intara icenda nizo zahiswemwo mu gukingirwa indwara ya suna

mercredi 18 Ntwarante 2015

Inyuma yaho indwara ya suna isubiye kwibonekeza mu ntara ya Rutana, iyo ndwara yama iza izanywe n’inka zivuye mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya kuko zorowe mu buryo budashemeye, aho usanga ziguma ziyerera nk’uko bivugwa na Muganga Déogratias Nsanganiyumwami ajejwe igisata c’amagara y’ibitungwa ku rwego rukuru.

Avuga ko indwara ya Suna ari indwara ikomeye cane, iterwa n’umugera kandi iyo inka yafashwe ibimenyetso bikomeye vyigaragaza nko gucira urukonda kubera ku ndimi haba hariko ibisebe binini binini ku buryo n’ururimi rushobora gucika, mu binono haba hariyo ibisebe binini bituma n’inzara zizuka. Ku nka zikamwa, amabere aca yuma ntizisubire gukamwa nk’uko vyahora, n’amabere aca ajako ibikomere ku buryo umuntu agiye gukama akweze igishishwa c’ibere gica kivako.

Iyo ndwara ishitse mu ruhongore rw’inyana zifise munsi y’amezi atatu ntanimwe ikira nk’uko uwo muganga abivuga. Inyama y’inka irwaye Suna iraribwa iyo itari bwononekare kuko iyo ndwara ntifata abantu. Muganga Nsanganiyumwami akavuga ko iyo ndwara yama iza izanywe n’inka zivuye mu gihugu kibanyi ca Tanzaniya kuko zorowe mu buryo budashemeye, ntizigira aho ziguma ziyerera. Muri ico gihe rero ntiziba zikingiwe bigatuma zica ziza zizanye uwo mugera w’indwara ya suna mu nka zo mu Burundi.

Ni muri iyo ntumbero rero igisata kijejwe amagara y’ibitungwa cama gitunganya isekeza ryo gucandaga inka mu gihugu, ariko muri iki gihe intara zishika icenda zikaba arizo ico gisata cashize imbere y’izindi. Izo nazo zikaba ari Kirundo, Muyinga, Cankuzo, Rutana, Ruyigi, Makamba, Gitega, Bujumbura Rural na Bururi. Muganga Déogratias Nsanganiyumwami atera akamo abanyagihugu kwijukira kwororera mu mpongore, bakareka kwirigwa barayerereza inka ku mitumba, kuko ariyo ntandaro yo kwandura indwara nyinshi harimwo n’inzoka zo mu nda. Uwo mugambi rero wo gukingira iyo ndwara ya suna, akavuga ko uriko uragenda neza.


Aristide Nizigire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.