IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > PRIMUSIC > Abaririmvyi bamenyerewe mu gisagara ca Bujumbura ntibiyandikishije muri (...)

Abaririmvyi bamenyerewe mu gisagara ca Bujumbura ntibiyandikishije muri Primusic

mercredi 23 Mukakaro 2014

Igisagara ca Bujumbura cakiriye ihiganwa Primusic, abarimvyi bariko barumvirizwa n’umurwi usanzwe utanga amanota muri iryo higanwa. Abiyandikishije mu gisagara ca Bujumbura, nta baririmvyi basanzwe bamenyerewe mu muziki wo mu Burundi canke mu biteramo bibera hirya no hino.

JPEG - 1.8 Mo
Umurwi w’abatanga amanota

Abaririmvyi bagera ku 330 nibo biyandikishije mw’ihiganwa Primusic mu gisagara ca Bujumbura. Ico gitigiri kibaye ica mbere kinini ugereranije n’izindi ntara, ihiganwa rimaze gucamwo. Itorwa ry’abaririmvyi ririko ribera ahitwa Cercle Nautic, imbere yo gutangura kuja imbere y’abatanga amanota, abahiganwa batangura kuronswa impanuro z’uko bokwigenza bakanahabwa umwanya wo kubaza aho badatomokewe. Abahiganwa atari bake bariko baca imbere y’abatanga amanota, umwe umwe aririmba ururirimbo yahisemwo. Gutanga amanota bizorangira aho bukera kw’igenekerezo rya 24 Mukakaro.

Amakuru duhabwa n’abari mw’itunganya ry’ihiganwa, muri abo 330 biyandikishije, ubwa mbere hazotorwamwo 20, abo nabo bace bahiganwa kugira havemwo 14 bazoserukira intara ya Bujumbura mu mahiganwa akwirikira. Aha tuvuga igice ca 4 kizobera mu ntara ya Kirundo, igenekerezo rya 02 Myandagaro. Igice ca kabiri mu ntara ya Gitega, hamwe n’urubanza rwa nyuma ruzociribwa mu gisagara ca Bujumbura, hazoba ari kw’igenekerezo rya 31 Myandagaro.

Ikiboneka n’uko muri abo bariko bahiganwa gitsindira Primusic, ata baririmvyi basanzwe bamenyerewe cane mu gisagara ca Bujumbura kandi ata tegeko ribibabuza.

Mwomenyako igice ca 4 kizohuza abaririmvyi bose batowe mu ntara, aho bazoca bahabwa impapuro zerekana ko bahiganywe bagashika muri ico gice, baheze batekererwe ibahasha ry’amahera 100 000 y’amarundi.

JPEG - 1.7 Mo
bamwe mu biyandikishije
JPEG - 1.7 Mo
Abaririmvyi bariko bariyandikisha

Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.