IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Intara ya Muramvya iza kw’isonga mu mabi ajanye n’igiturire

Intara ya Muramvya iza kw’isonga mu mabi ajanye n’igiturire

mardi 7 Gitugutu 2014

Abantu 348 nibo bituye umugambi CAJAC Mobile w’ishirahamwe riharanira ineza y’abaguzi ABUCO-TI Burundi. Muri abo bantu, igice kinini ni abatishoboye, impfuvyi n’abapfakazi, abatize canke abafise amashure make, hamwe n’abakenyezi.

Ishirahamwe ABUCO-TI Burundi ryashize ahabona kuri uno wa kabiri icegeranyo c’ivyakozwe muri wa mugambi CAJAC (Centre d’Assistance Juridique et Citoyenne) wishinze guteza imbere intwaro ibereye mu Burundi ribicishije mu kurwanya igiturire.

Muri ico cegeranyo c’ivyakozwe mu ntara indwi, intara ya Muramvya iza kw’isonga ry’abituye uwo mugambi, aho habonetse 91 bawituye basaba gutunganirizwa kuko basabwe igiturire. Hakurikira intara ya Gitega. Muri ico cegeranyo kandi, bigaragara ko amadosiye menshi yagiye yakirwa araba ubushikiranganji bw’ubutungane, nk’uko Amedée Ndagijimana, umuyobozi nshigwabikorwa mw’ishirahamwe ABUCO yashikirije ico cegeranyo abivuga.

Intambamyi nazo zagiye zigaragara ahanini zijanye n’iterabwoba rigirirwa abitura CAJAC, na cane cane mu ntara za Ruyigi na cibitoke. Iyindi ntambamyi ni iyo gukurikirana amadosiye hagati mu ntara bari i Bujumbura kuko uburyo bwo guhanahana amakuru bugoye. Mu migambi ya kazoza, ishirahamwe ABUCO-TI rikaba rigomba gushinga ibigo vya CAJAC ico bise "Cajac satellite" mu ntara zitatu.

Ishirahamwe ABUCO-TI risaba Reta gushiraho amategeko akingira abashira ahabona ayo mabi, ivyabona, abahuye n’ayo mabi, hamwe n’abasanzwe baba bariko bagira amatohoza. Ikindi basaba ni uguhana bivuye inyuma abo bose baba bagiwe n’icaha kijanye n’igiturire.


Floxella Karire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.