IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Intara zitandatu z’Uburundi zahawe ba buramatari bashasha

Intara zitandatu z’Uburundi zahawe ba buramatari bashasha

vendredi 3 Ndamukiza 2015, par Egide N

Ba buramatari b’intara baheruka gutera umukono ku rwandiko rwiyamiriza ugusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza bakuwe mu mabanga. Babiri muribo bakombowe mu gihe bari baranditse amakete y’ugusaba ikigongwe umugambwe CNDD FDD bakomokamwo, nk’uko bari babisabwe n’uwo mugambwe, bikura mubadashigikiye ikiringo ca gatatu.

Muri ba buramatari batandatu bemejwe n’inama nkenguzamateka mu gatondo ko kuri uwu wa gatanu, umwe, ariwe Juvénal Bigirimana yahora ajejwe ivyigwa kw’ishure ryisumbuye rya Rumonge, yahawe intara ya Rumonge iheruka kuvuka, abandi batanu bakaba basubirijwe abakombowe muri ayo mabanga. Muribo, babiri baheruka kwandika ikete ry’ugusaba ikigongwe, nk’uko bari babisabwe n’ubuserukizi bw’umugambwe, kuko bari bateye umukono ku rwandiko rwiyamiriza ugusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza, ariko bikaba bitabujije ko bakomborwa mu mabanga bari bajejwe. Abo ni Daphrose NTWENGAMBABAYE yahora arongoye intara ya Muramvya, akaba yasubirijwe na Emmanuel Niyungeko yahora ari musitanteri wa komine Rutegama. Uwundi ni Richard NZOKIZWANIMANA yahora arongoye intara ya Karusi, akaba yasubirijwe na Laurent Mbonihankuye.

Anselme NYANDWI yahora arongoye intara Bubanza, nawe nyene ari mubateye umukono ku rwandiko rwiyamiriza ugusubira kwitoza kwa Petero Nkurunziza, yasubirijwe na Niyongabo Tharcisse.
Emmanuel Masumbuko yahawe uburongozi bw’intara ya Bujumbura Rural, mu kibanza cahoramwo Jacques Minani.
Madeleine Bamwizere yawe yagenwa kuba Buramatari w’intara ya Bururi.


Egide Nduwimana

Messages

  • JE MBONA HASIGAY GUKURWA JEREMIE HAMA PIETER NAWE YIYIMBIRE ICOBO YIYITA NGO ARABONA!SINKUBESHA IVYO AKORA YIMBE YIGERA!!!!!!!

  • Hooooo ivyo nibisanzwe kuko nabo batowe buca bahava abari basinye hama bagasaba ikigorwe nibafungwe kuko nabakungu.wemeye democratie utanga amaraso yawe

  • Ahubwo abo baro barasinyuye iyo babanza kubatikura, abasigayebo bagiye rugabo

  • ibi ni sawa bizotuma bamenya akazi neza,buriya bariya bacombowe bibabe bararuhuka bazobaha akandi kazi muminsi iza. kuko ntibyumvikana uburyo umuntu asinga ibintu atatohoje neza. reta ni reta si ishyirahamwe.

  • abo basinyuye ni bampemuke ndamuke babaye ibijora nico gituma babasenyuye burundu niba niryo abasinye mukomere mugize iherezo ryiza naho muntango mwari mwatanguye nabi murabagabo

  • Ewe petero urambabaje so wewe ntubona ko gutwara atari ivyaw iyo utanga igihugu hakiri kare kuko uriko uragerageza gupfundikanya ibidashoboka wewe uriko uvomera murukangaga

  • UBWO URUMUSAZI...!URASHOBORA KUVUGA IJAMBO NKIRYO UBWIRA UMUKURU WIGIHUG...SHIRAKO FOTO YAWE TUGUTWENGE.NTASONI KWELI...!!!!!!

  • Jew ndibaz ari ukubura uko bagira nkabo bagenywe gusubirira abandi ntaco baje gukora nk’uko Minani yabivuz kare, sinarinzi ko politique yohindur abantu ibijuju bigez aharaho. Ni bemer baveko mu mahoro barek gupfundikany utuntu tudafashe.

  • ntscomuvugayamuhe nimurindire ibisokogwa nauahandi muribanyambirakaje nahohazozuwundi mushaka muzoguma murira mujamwibarabara gushika muhwere abobonse mukurikira nimurindire nihagerako bajamubiganiro vyabo umwewese arosaho ashitura ntimuzobimenya muzogiringorane kimwegusa mbabajwe nuwohava ahitanwanintureka mwogira sbandi bakaba ibimuga abandi bagapfugwa kuko uraterakajagari ntumenyukogahera ayari agumavugango arinyumayanyu nawuriko uraborakumubiri beshi baxohura nivyobibazo ngobakeneyimpinduka mutazimpindukaviyariyo haricomiiuvugango rahe rahe ntibazotwarayo abagiye meibarabara bonse bazofata uwabatumye ninacogituma mushamiranye mukicana agapfuye kabazwivu jandabazungubo bskundakajagari katabayeho akazi koba kabaheranye nanabuburundi murabeneza ntimuzirubusa kuberagakuku abojwasinduhije bamqzeyo igihe mukugenda ntiyabasezeye kubera yabonye habavye murabeneza ivyomvuze muzompinyuza kuko ntimuramenya uwuzotsinduwariwe nugukurikiragusa mutanumwanyavwoguhiga ikibabeshaho ayomashirahamwe yonse yabayahakazi abanyagihugu yogabanije ibishomeri mugabo nayonyene nayokurwanyaretaikibazo

  • Nama mpanura abo bagabo ba niryo! CNDD si urutare rutamenwa! Ako kagore Daphrose...! Banza ukanure amaso,ukure ubwo burengeti wambaye...! Ko bagukuye ucupfa, emanga ukuri uteko ukuzirNama mpanura abo bagabo ba niryo! CNDD si urutare rutamenwa! Ako kagore Daphrose...! Banza ukanure amaso,ukure ubwo burengeti wambaye...! Ko bagukuye ucupfa, emanga ukuri uteko ukuzire!

  • Cndd-fdd nkuko yama ivyivugira ubu uye haragezaho nayo itera igere ryanyuma ihaye isambagurika nkinkoko! Mbe abo ba buramatare ahaye ahindagura buca igihugu kiramutswa Rwasa afadikanije na Charles azobumushikiranganji wambere aho wumva mudahaye mwigorera ubusa? Asha mubakurf ou bien mureke ico mwomwenya nuko RANAC,Aho bukera izagushayura Ubundi na Alex Sinduhije,Radajabu,Manasse, Pangrasse, na Kadege bose eka najewe buce twihungukira mugihugu cacu camavuka! Ewe peter burya watwangaje turi benshi muga bucumaramara nimbonerakure zawe !urazako urahumc tu wihendayuko tuzokwihanganira ayibambeme.

  • Non ko uwuvuga kukwitoza ubugira 3 kwa nkurunziza bs bahura nibibazo nkurunziza arajaho akarya akaryama ngo namahoro? ikind non CND-FDD karashizingani ite igihuguhu mumanga? ntawundi muntu ifis yo kwitoza?

  • yarahejj kuciyimbira kandi yarapfuy hasigay ikibiribiri gusa ww ubona ivyo akora asa numuntu akiri muzima

  • Peter urahumba we nizombonerakurezawe zamaze inzirakarengane buca mushengezwa muri CPI, hama twebwe twese twahunze iyo ntwaro yawe wagahotoro nukuzibiranya abo mugasangiye ivyiyumviro duce twitwahukira mugihugu cacu kuko nakare ntamahoro yumunyavyaha barya ba ma soeurs bishwe mu kamenge ubu Imana iraberekanye.

  • Mwahora muri rimba ngo batera igere ryanyuma kuvyombona namwe mutera igere ryanyuma mucunge ceni gusa ntibafashe kwiba kuko abo bagabo bagiye pe

  • HAHAAAH!BURUNDI WE,,WARARUSHE PE!PETER RANGIZA NEZA IVYAWE BIRAZWI,MWARAKIGABANYE NIMUGITABAGURE MWABONYE KO MUTABISHOBOYE.ABARUNDI TURANYOTEWE IHINDUKA KW’ITWARO Y’UWO MUNYA MWUMBA

  • Nivyo ahokuniganwa ijambo worisohora ikiba kikaba,umugabo apfa nkumugabo.ndinyuma yabo baburamatari bakuwe mumabanga kubera kuvugukuri kwabo.natange ahabandi batware,nkaba nshimye kubona RUMONGE yabaye province.

  • Ha nimba yarapfuye nyene kuko nta muntu akunda igihugu ciwe yokora ivyo arimwo ni agahomerabunwa.Ariko ntagire ngo Imana ntimubona

  • Uyo yiyita munerwa si umurundi,bica bibonekea naho ugerageza kwandika ikirundi,naho woba uri umurundi nyoko si we kuko nta ndero ufise,je veux dire indero y’ikirundi,hari amajambo adasohoka mu kanwa k’abarundi n’abarundikazi nico gituma twitwa abapfasoni!

  • Mbere mwe sinzi uko mwabaye?urutaro ruragosora,mukabandanya muhambira Inkambi ahatagira igisebe?azobatwara,yongere abatware,turamukunda,nubu muze mugatumba mwirabire.cndd-fdd rambaaaa!!inkon ntiyaruzw,kirazira,ndets yaratsimbataye!

  • NIVYO NIBAKURWE NABANSI BAMAHORO

  • JEWE ICO NOBIVUGAKO NUKO YESU KRISTU YATWITANGIYE KUMUSARABA KANDI YAVUZE KAGIYE KUDUTEGURIRA AHACU NGAHAZOBA NATWE NIHO TUZOBA MUKUNDANE NKUKO YADUKUNZE YESU ABAHEZAGIRE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.