IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Intara zitatu nizo zaronkejwe ba buramatari bashasha

Intara zitatu nizo zaronkejwe ba buramatari bashasha

mercredi 6 Munyonyo 2013

Mu bikorwa vyayo vyo kuri uwu wa gatatu, inama nkenguzamateka y’Uburundi yemeje amazina atatu yaba buramatari bashasha bagenwe kugira barongore intara zitatu nyene arizo Kayanza, Makamba na Muramvya.

Izina abakenguzamateka bahaririyeko ni irya Canisius Ndayimanisha yari yatanzwe kugira arongore ya kayanza. Ku rupapuro rwerekana ibimuranga ( curriculum vitae), hari handitswe ko yavutse mu mwaka w’1955, mu gihe ku rupapuro rwiwe rw’umutsindo hari handitse ko yavutse ku genekerezo rya 5 Munyonyo umwaka 1956. N’aho habonetse n’izindi mpari kuri uwo Canisius Ndayimanisha ku rugero rw’amashure afise, ntivyabujije ko abakenguzamateka bamwemeza, hamwe n’ayandi mazina abiri bari barungikiwe.

Canisius Ndayimanisha yagenwe kurongora intara ya Kayanza, Nduwayo Gilbert intara ya Makamba, hamwe n’umupfasoni Daphrose Ntwengambabaye yahawe uburongozi bw’intara ya Muramvya.

Ayo mazina ya mbere abiri yemejwe n’abakenguzamateka bose uko ari 37 bari bitavye ivyo bikorwa, kiretse iryo rya Canisius Ndayimanisha ryemejwe n’abakenguzateka 32 kuri 37.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.