IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Intumwa z’Uburundi zari i Kigali zatumweko inama idaheze

Intumwa z’Uburundi zari i Kigali zatumweko inama idaheze

vendredi 15 Mukakaro 2016, par Egide NDUWIMANA

Intumwa za Reta y’Uburundi mu nama y’Umuryango w’Ibihugu vya Afrika iriko ibera i Kigali zatumweko ubutarariye, mu gihe vyari bitegekanijwe ko abakuru b’ibihugu biri muri uwo muryango bazotangura inama kuri uwu wa gatandatu igenekerezo rya 17 Mukakaro 2016.

Nk’uko tubikesha bagenzi bacu bakorera ikinyamakuru IGIHE mu Rwanda, izo ntumwa zatumweko zigizwe n’uwuserukira Uburundi mu muryango w’ubumwe bwa Afrika, hamwe n’izindi ntumwa zibiri zari zarungitswe n’ubushikiranganji bw’Uburundi bujejwe imigenderanire n’ayandi makungu.

Mu gihe bitegekanijwe ko kuwa 17 Mukakaro hazokorana i Kigali inama y’abakuru b’ibihugu n’abigeze kuba abakuru b’ibihugu biri muri uwo muryango, ndetse bamwe nka Robert MUGABE wa Zimbabwe hamwe na Jacob ZUMA wa Afrika y’epfo bakaba bamaze gushika mu Rwanda, abandi nabo baharurwa muri 35 bakaba bitevye, ikiboneka n’uko umukuru w’igihugu Petero NKURUNZIZA w’Uburundi ashobora kutazokwitaba iyo nama.

Nta mpamvu iramenyekana yatumye Uburundi butumako intumwa zari zarungitswe mu Rwanda, ariko ikizwi akaba ari uko Urwanda rwakiriye iyo nama mu gihe rudacana uwaka n’Uburundi kuva mu kwezi kwa kane 2015 hatanguye imyiyerekano y’ukwiyamiriza ugusubira kwitoza kwa Petero NKURUNZIZA.

Isanamu y’Uburundi mu karere ka Afrika y’ubuseruko hamwe no mu muryango w’ubumwe bwa Afrika ikaba yasubiriye gutituka inyuma y’igandagurwa rya Hafsa Mossi, umushingamateka wo mu nama nshingamateka ya Afrika y’ubuseruko, yarasiwe i Bujumbura kuri uwu wa gatatu.

Umuyobozi w’umurwi wo mu muryango w’ubumwe bwa Afrika, Nkosazana Dlamini Zuma, yariyamirije iryo yicwa, avuga ko ivyakozwe birushirizaho guteza umutekano muke mu gihugu. Yasavye Abarundi kwirinda ikintu cose coshira mu kaga igihugu.

Izo ntumwa za Reta y’Uburundi zitumweko mu gihe umuvugizi wa Reta y’Uburundi, Firipo NZOBONARIBA, yaheruka kumenyesha ko Uburundi buzoserukirwa mu nama y’abakuru b’ibihugu bigize ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika itegekanijwe mu gisagara ca Kigali kuva kw’igenekerezo rya 16 Mukakaro 2016, akavuga ko Uburundi bwamaze kuronswa ubutumire bw’ishirahamwe ry’ubumwe bwa Afrika, akavuga kandi ko ubwo butumire Reta y’Uburundi izobwitaba.


IGIHE

Messages

  • Mbe Ko Bagomba Gufata Abarundi Nkuko Turi Ibijuju.Twaratoye Ni Barindire Imyaka 5 Nahonyene Ntibakombako.Mbe Aba Polona Batwaye Imyaka Ingahe?Natwe Nukugwiza Incuro 1ooo.Peter Komera Tuzogushigikira.

  • NIBA HARIHAMAHINYU NIMUGARUKE MUGIHUGU TWIYUBAKIRE IGIHUGU CACU KOKO UGWANDA SIGWO RUZOTWUBAKIRA IGIHUGU CACU HANYUMA ABAGUMYABANGA MWESE MUKOMERE KANDI MWITEGURIRE KUGWANIRIZ UMWASIHAMWE KAMATSINDA TWAVUYEKURE ABABIZI TURABIZI

  • ubwo ni ubwenge bwa kagome ariko akora ivyo bwa buzungu yirigwa asega bumubwira ngo akore mukurondera aho yomenera mukuducanishamwo ,harya izina niryo muntu ariko ivyakora vyose,abarundi turabizi ntaryame umukondora zosi ngo ntituzi imikenyuro yiwe! ivyakora vyose nuko tuzogumana ubukene bwacu ariko abashigikiye ubwobuzungu budukoroniza tuzotanga amaraso twese !wavyumvise magufa kagome?

  • yoo!!! nuko reta yibujumbura ntaho itaniye niya itirere yashinzwe nibinwamaraso.inzirakarengane zikomeza kwicw’amakungu arorera!

  • yoo!!! nuko reta yibujumbura ntaho itaniye niya itirere yashinzwe nibinwamaraso.inzirakarengane zikomeza kwicw’amakungu arorera!

  • yoo!!! nuko reta yibujumbura ntaho itaniye niya itirere yashinzwe nibinwamaraso.inzirakarengane zikomeza kwicw’amakungu arorera!

  • Isazi Yimiye Kuruhome Iti: Birame Ndore!

  • Isazi Yimiye Kuruhome Iti: Birame Ndore!

  • Kuvuburundi bwaremwa niho bugiye burongorwa na leta yibijuju pe!emwe je nibereye hanze nzoguma ndabirengero.aho uyomuyobe nkurumbi batamukevyizosi ntakazoshoboka.

  • Kuvuburundi bwaremwa niho bugiye burongorwa na leta yibijuju pe!emwe je nibereye hanze nzoguma ndabirengero.aho uyomuyobe nkurumbi batamukevyizosi ntakazoshoboka.

  • NIBAVEYO KUKO ABOBAKURUBIBIHUGA KOBATARAKORANYA INAMA YOGUFATA ABASHATSE GUTENBAGAZA UBUTEGETSI BWITOREWE NABENEGIHU NIBABANZE BABAFATEBOSE AWAKUNGU HAKUGIRICIKOZE NUKUDUTOTEZA KANDI BITONDE BADASHA KUMAGURU

  • Inbya barundi na kamaramaza. Ubwo se baziko bahima nde ? Nibategereze itaha izabere iwabo..Burundi bwacu

  • Abarundi ndabemera nabagabo pe.

  • Abakoreshwa na nkurumbi musa nabataye.rezo.imvugo nibikorwa vyanyu biragaragara ko mugwaye mumitw pe!

  • Ntimube mwagumayo mukibonerako ayo inkware yaboneye ku mugezi.

  • Muburundi iyo ivyihebe vyishe umuntu hariho abacabavuga ngo ngwisanamu yu Burundi ngwituma icibonekananabi maze abihebe nkabonyene bahitana abantu mu Bubiligi, mu Bufrasa, nahandi ntibaheze ngibavugeko isanamu yivyobihugu yononekaye mumakungu muzopfamwihambebasha vyasebikunze mudahinduye izomvugozanyu mumisi irimbere ahobihindukira ikabintambara y’Isi kuzokwumva canke muzobona ukuntu ivyogupfisha abantu bomubihugu vyanyu bibabaza abasihaye.

  • Nibareke Uburundi buracari mukigandaro,nizere mugihe bokwunguruza isango ntacobuza Uburundi butitaba.

  • Jewe mbona ko nyakubahwa umukuru w’igihugu c’UBURUNDI yokwitaba iyo nama kuko bica vyerekana ishusho mbi mu bindi bihugu bigeze Afirika Y’ubuseruko.None yankiriki?

  • Ivyo ntawe vyotangaza kuba babatumyeko, dusazwe tuzi kwari bantaho mfatwa nkumwana ahiye mukwaha. Burya kwitwa umutegetsi canke gutwarigihugu, nirindi banga, bapfa kuvyisukamwo kuko bazi kwariho hari kijumpu, nayubundi vyarabataye kuwamazi baribakwiye kwambikwa umudari wi bimaramare.

  • IYO UBUMW BWA AFRIKA BURUNGIKA INTEKO ZOGUKINGIRA ABANYAGIHUGU KUMBURE UWO MUVYEYI WACU AFSA MOSI N’ABANDI BARI GUKINGIRWA!ABARIKO BARICWA BOSE NA RETA BIZOBAZW ONU,U.A,U.E,EAC KUK BANSE GUFATA INGINGO YO KUDUTABARA BAKABANDANYA BADUHINDIRA MU BIGANIRO AHO BOHAGARITS UBWICANYI!

  • Birababaje Kubona Umuntu Yicwa Bunyamaswa Ataco Azira !Mana Garukira Igihugu Cuburundi Kive Muntambara .Abarundi Turarushe Turaterereje Agasabisho Amakungu Nababigize.Ndizigiye Ko Inryane Zizovaho Mugihugu C,uburundi .

  • EMWE NARABABWIY IVYUBURUNDI BIRAGOYE NTAMUNTU AZOBISHOBORA ATAR’IMANA YONYENE IHAGURUTSE

  • Leta Y,uburundi Ikanka Kwitaba Ivyo Biganiro,hazoba Harico Yiyagiriza.Inama Izohere Mwabafatiye Ibihano Ruhasha.Izo Nizantagondwa Za Cndd Fdd.Zirazwa Ishinga Nukukwica.Ntibashaka Amahoro Muburundi.Nuwo Mupfasoni Mwokwirikirana Mwosanga Aribo Bamwishe.

  • Babuze amahera yo kuriha hotel zikomakomeye I Kigali.

  • Gutaha nibyiza cyane . Kuko bari mugihugu kiyoborwa na Rukarabankaba inkoramaraso kagame. Kandi Bokoharamu/Sondumuja ikorera i kigali.

  • BARUNDI, GERAGEZA MWUMVIRE K0KO IYO HABONETSE IKIBAZO NINYISHU IBA IRAHO. BARI GUCA BUGUFI BAGASABA IMPANURO

  • bavandimwe barundi turi bamwe n icyo nkurunziza akora(abo bantu bamfa)ni cyo bita simiracle d’attack kwitera ngo ubone ukwo werekana umwanzi.abanyamerica barabikoze muri first world war 1 babigerageza kuri cuba. biranga nukujyirango mureke kumwita umwabzi abereke undi abone uko abayobora muzasome histoire yaba dage kwishyira hamwe muri abanya bwenge murebe ese ko akunda kuvuga urwanda nirwo rwashyizeho itegeko nshinga ryanyu?turabakunda pe gusa politic nti gasimbure ubumuntu.buriya yabaye inyamaswa kuko numwana we yamwica kugirango abone uko acyira mumureke ni politic divise paur leigne byose murabizi murabahanga Imana ibarinde nigihugu cyanyu.amoki ntacyo avuze obama ko ayobora usa numuzungu?murebe ubushobozi buri mumuntu mubyikuremo ibyamoko

  • ibyo muvuga byose mugize igisebo kirenze ukwemera muri AU ubundi ibitekerezo mwari mutegereje ku Burundi nibihe mugihe bo barajwe inshinga nukwica gusa abo nabo bavuga nabi kagame barihenda cyane kuko ibikorwa byiwe birivugira noneho harageze ko Africa yose ibimenya uretse ibimaramare byaba rundi gusa. u Rwanda rubatsinze igitego mutazigera mukuramwo narimwe mugifite gouvernement idatekereza ndabagaye cyane kd n Africa yose yabagaye kuko mwerekanye integenke zanyu aho zishingiye apuuuu.

  • KIRIMWO ABAGABO IGIHUGU C’UBURUNDI. IMANA NIYO IZOTUBERA ICABONA; ABAGIRA MUKURI NTAKABUZA BAZOTSINDA KUKO ISI AHO IGEZE ABANYA AFRICA BATANGUYE KUBONA UKURI KUBIJANYE NINYIFATO YABANYABURAYA NA AMERIKA. BURYA AFRICA IZOTEZWIMBERE NABANYAFRIKA KANDI AKAGA TWASHIZWEMWO NABATWAYE AFRIKA KERA KUBERA KUZERINZE TUGIYE KUKAVAMWO. TUZOKORA TWITEZIMBERE TUTAZERINZE.

  • Abarundi babaye inkuru muli africa. Sindabona igihugu gifite abayobozi bimbwa nku burundi.

  • NIBATAHE N.UBUNDI NTATEKA BAGIFISE!nkurunziza YATINYE KO BOMUSESERA AGATABI BAKAVUGA KO YISHE HAFUSA MOSI N.ABANDI!BARABESHA IGIHE C.ABAHERANYE.

  • NIBATAHE!HARI RETA BAFISE BASERUKIRA?UWABATUMYE YANSE KO BAVUGA KO YISHE HAFUSA MOSI N.ABANDI!IGIHE C.ABAHERANYEEE!

  • Wasanga bari baje gushaka impamvu buriya bibwiraga ko dufite umwanya wo gukora manifestation cg ko turi bubakire nabi kugirango babone ibyo bavuga ubwo babibuze rero ntibabona ukwo bicara munama yabakuru bibihugu bingana kuriya ngo babone ibyo basobanura. CNDD muracyari abaswa va ibuzimu mujyibuntu

  • Mwebapeti ba kamenge no kwikopesha biremewe nayo twabatangiye muri East African Community kugirango batabirukana mubone nimishahara yabadepite atuyabalipisha humura twe tuzi kwihangana mais la prochaine fois muzajye mwurira indege mwabanje Kubaza ibiciro byihoteli muraramwo no kuri internet biba biriho (niba igikora iburundi)
    Safe journey

  • murahushije kabisa. niba mudafite amafr yo kwishyura Hotel ntimugatege indege mugiye kwiyenza ngo mubone impamvu kuko murwanda ntayo muzabona rester chez vous muvugishe ukuri, ariko ubundi ayo mwambuye abasirikare bavuye somaliya mwarayamaze?

  • Nkurunziza ndamwemera ni umugabo. Abanzi be basigaye bameze nk’imbeba zaguye mungunguru irimo amazi.

  • twamye twibaza ngo le gouvernement burundais idashaka kuvugana n’aba opposant gusa, kumbe ni maladie yo kwanka abantu bose.ntimwovugana na UA.mbe muzovugana nande ko UE na Amerique mutagicana uwaka? aka n’akamaramaza

  • ukuri gushirira mukuyaga. kand ibigiy inama bigira imana . reta y’uburundi irakwiy kwitaba iyo nama kugira turabe ko hoboneka umuco kubijany nicuka kiri hagati yuburundi nurwanda.

  • Ndanezerewe caane abarundi bamaze kurikanura ntibasubire kwica nka Havyarimana na Ntaryamira ngo bavuye mumanama

  • Reta Yankurunziza Nirekegutinya Nije Mubiganiro

  • Ubumwe bwa Afrka nibwadukenera kugira tugiriranire ibiganiro na Kagame tuzokwitabana urweze nayo guhurirahantu tubeshanya ngoturiko turahanahana amajambo yivyiterambere Kagame agogota ngo Africa twitezimbere kandi muyundinwanya yamye munama yokudurumbanya igihugu kibanyi ivyotwabirambiwe, nimbarero mutaduhujije bitebebitebuke hazokorwa ikintu runaka nizereko coco kizotuma mwemera ko Kagame dukwiye kugiriranira ibiganiro.

  • AHUBWO NARI NATANGAYE !!! AHO NUMVIYE KO NABARUNDI BATUMIWE !!ABARI BASERUKIYE UBURUNDI NTA MUHUTU NUMWE YOSHITSE MUHIRA . UMUPANGO WOGUPFA WARI WATEGUWE @ NTIMUSUBIREYO IGISUBIZO KIRAZIGWA. UBWENGE BWA KAGAME BUYOYA AIEX SINDUHI RAJAB HUSEIN ABAZUNGU=USANGA ARI HATARI @ NABABWIYE NTI:NTARYAMIRA YISHWE NIBIGANIRO ; N’UBWO IMIGANI NAYIBAGIYE NGO:UBWIRIZA URYA ,NGO URANSABA ; JEWE ,NKENEYAMAHORO MUBURUNDI

  • AHUBWO NARI NATANGAYE !!! AHO NUMVIYE KO NABARUNDI BATUMIWE !!ABARI BASERUKIYE UBURUNDI NTA MUHUTU NUMWE YOSHITSE MUHIRA . UMUPANGO WOGUPFA WARI WATEGUWE @ NTIMUSUBIREYO IGISUBIZO KIRAZIGWA. UBWENGE BWA KAGAME BUYOYA AIEX SINDUHI RAJAB HUSEIN ABAZUNGU=USANGA ARI HATARI @ NABABWIYE NTI:NTARYAMIRA YISHWE NIBIGANIRO ; N’UBWO IMIGANI NAYIBAGIYE NGO:UBWIRIZA URYA ,NGO URANSABA ; JEWE ,NKENEYAMAHORO MUBURUNDI

  • Uyu wiyita Jean ni inkandagirabitabo. Ibitekererezo bye bimeze nkibya wa mupfayongo kagame Inkoramaraso...cg General mujeri SINDUHIJE..

  • icodusaba. nuko uburundibwoserukirwamuriyonama. arikotugasabako nyenicubahiro umukuruwigihugu, ntavemugihuguguko, ntawuzimigambimibi yobayinyegeje inyuma yiyôamaguko, ntawuyobewe ivyagomvyekuba, mubihebiheze.

  • Twebwe Abarundi b’umutima n’akaranga k’igihugu ciza, turasaba ONU ko yotugira igihugu kimwe Rwanda-Burundi nkuko vyahora mbere yukuza kw’abakoloni. Capitale ikaba KIGALI president akabandanya ari KAGAME PAUL , Nkurunziza akaba ministre ajejwe gusubiza imbonerakure mu buzima busanzwe. muvyumva gute?

  • ABARUNDI ndabashyigikiye muri kiriya cyemezo cyo kuva mu nama y’i KIGALI inama na AU ishaka guhatira INGABO Z’AFRIKA kuza mu BURUNDI zifite misiyo yo gukuraho ubutegetsi . Nkuko mu RWANDA ingabo za ONU zashyigikiye KAGAME kugera ku butegetsi, zibaha intwaro niwo mutego bashaka kugusha kugushamo U BURUNDI. DE SANTOS W’ANGOLA ntiyigeze yemera na rimwe ingabo za ONU kandi ntacyo abaye. SISI wo mu MISIRI ahiritse MORSI bashatse kumuha ingabo za ONU yaranze
    BARUNDI MURAMENYE ntibazahende ABANYAMERIAKA, UBURAYI bukoreha KAGAME gutafa u BURUNDI izo ngabo ntimuzazemere niUMUTEGO wagushijemo HABYALIMANA bituma KAGAME yifatira ubutegetsi atarushe...

  • Ubu rero ngo muzi ko mwakoze ibintu byu bwenge. Aliko niho ubwenge bwanyu bugarucyiye ntawabarenganya.kuba umugabo sukugira amabya koko nibwa zirayagira.

  • nkurunzza yaba ab
    onana ingorane atera uburundi yotanga igihugu

  • Baveyo ntibaveyo nirazima inama irabandanya, aringingo ziraza gufatwa, ntakitaza gukoreka ngo nuko batayibayemwo abahano muburundi. nimba batorotse ntihabuze muvyegeranyo bashikirije mubizokwirwa mwiyo nama usanga harimwo ibiraba ikigihugu cacu, kuko iyo buvise ibizokwirwa koharimwo ibibaraba, umutima uhakwa kubaca mukanwa, muzobikurikirane nikobari, muzoba mumpinyuza.

  • Hhh abarundi bananiwe kwishyura hotel bahitamo gutaha yewe uburundi buyobowe ninjiji bikabije

  • Ubu rero ngo muzi ko mwakoze ibintu byu bwenge. Aliko niho ubwenge bwanyu bugarucyiye ntawabarenganya.umugabo sukugira amabya koko nibwa zirayagira.

  • Umukur W,igihugu Ntaze Yitabe Iyo Nama Ku Ivyu Rwanda Rwatugiriye Twarabibonye Nkatwe Turi Kumupaka Sino Muncamak Nicitso

  • Abarundi dukomere duhagarare kigabo kuko uburundi bwitwa uburundi!nibindibihugu bifise ukovyitwa.uburundi bwagizeneza kutitaba iyonama kuko sumubonano wuburundi na Africa,kanduburundi sibwo Africa!!!ayamambonayo avungwa adasa nayokumenyekanisha ubururundi nkintango yimpinduka nubwiganzure kubukoroni nabazungu baducanishamwo muri Africa,nibazako bataraheza kuvuganabi uburundi ariko nibaheza imvugo izocihinduka iyarinabi ibineza!!twibukeko ntakintu cakamaro kibahejuru vyose bivahagumye.raba ubutare-izahabu-corta beshi barahagwa babishaka ariwubishikiriye abayibutswe acabahoneza.ndakeje Nkurunziza kungingo yafashe nabamushigikiye bose nonjendimwo ntiyicuze ntagirubwoba kubaho kwabarundi kurimumugambi w Imana kandinzirazayo nazo sinkizabantu.nibabuvuge basubire nintango yokubumenyekanisha kandi bizobandanya kukwimbere nihezahashimwe IMANA MUBURUNDI NOMUNCUTI ZABWO YOYAMA IHINDURA IMIGAMBI YUMWASI IGASHITSA IVYIGOMBA nomunama yikigari izobihari kugira abanyafrica bigire kuburundi kwiganzura igitugu cababaganza babacinyiza!!abarundi nimureme mwibukeko ubuzimabwiza tuzobuhabwa n Imana gusa sayomazina yamashirahamwe nabobagabo muhozamukanwa.twizere Imana nimigambiyayo izoduhamahoro yomumutima bwambere tubone kubera Africa akarorero bitewe nibibihe duciyemwo nuko twavyifashemo

  • nubwo bavuyeyo ndibaz ko batareka gukora ico babona gikwiy gukorwa

  • niyunvir yuko mwokwitab iyonam

  • Nkurunziza Niyirambire Kuko Yakoz Ibikorinka Ntaworeka Kumushimir Uwutomushimira Wewe Yoba Yibagiye.

  • MURANTUNGE NARIBABARIYE 1) PREZIDA WA RIBERIA SAMWEL DOS YAPFUYE KUBWABASIRIKARE BITWA NGO BACUNGERA UMUTEKANO 2) ABASIRIKARE BO MUBIHUGU VYO HANZE BITWA NGO BACUNGERA UMUTEKANO MU RWANDA NIBO BISHE HABYARIMANA HAMWE NA PRESIDENT WACU NTARYAMIRA;KUMWE NINKOTANYI ZARI ZIFASHWE MUMUGONGO N"UBUGANDA. ABO BASODA UBUFARANSA BUZANA NIBINDI BIHUGU !@ MURAGABE ABO BANTU IMIGAMBI YABO SIMYIZA !! JE NAMAMBABWIRA, IVYO NABONYE NI VYISHI. MUKEMERERA ABO BASIRIKARE BAKINJIRA IGIHUGU CACU MUZOBA MUGITANZE MWEBWE NYENE

  • mbe baja munama guhîga iki ko ugwanda aligihugu gitwagwa numumenja amenja ijolo numulango pita hangama mwana wamama

  • abazi abakeba ingene babana ntimucokoze uburundi kuko ugwanda rurafitaniye ijisho ribi kuburund, bwaratumyeko abayo, sinda bigaye, nubundi gwererekany umutima mwiza kurwanda kuba yaranabarungits bagashikay, rwerekany korugikunda urwanda,yomwankany numukeba numwana agiyeyo ashika akubitwa ,uburundi bwatowe nimana ntibushaka kwihora, rushaka umubano mwiza .ugwanda burabe neza bwisuzume bwariteranije numubanyi, ariko ivyo sivyiza.bagomba kwihora, ho, ugwanda ntigworutera ubwoba bwabonye ihori ritubaka, ivyiza bokwikebuka,hahirwa abumva.

  • ntambeba ija ahabona kubera itinyabantu

  • Muta Komera Nkakwemera Man Urumugabo Utarakagabo Nkakagome

  • Ukuri nik8za kandi gushirira mukuyaga!

  • Tuzakomeza dutere imbere muri mumayoga.niba ntasomo mwavanye kubyabaye Mu RWANDA ntaho mujya."if u want to make the world a better place start by changing yourself".abanyaRDa ikibateje imbere buri umwe yarahindutse bitewe nuko ntawe utarakozweho namateka.ikituraje inshinga nahejo hazaza byatumye nigihugu kizamuka muri Rusange."mugabanye kuzindukira mumayoga namatiku muzazamuka namwe.May God bless BURUNDI

  • komera.mutama.pita.wakoze.nkumugabo.kuko.urwanda.nababaya.babitse.abicanyi.ahubo.nibarungike.abashatse.kutembagaza.ubutegetsi.bwitorewe.nabanyagihugu..bacirwe.urubanza.

  • Shambazumutima nigiki catumye baca kubiti namabuye biruka bahunga inama ? gendurabe nubu aboyariyatumye nabugingo nubu baraciruka bibaza kobakiri Murwanda ! nkubwijukuri uwabaronze ntiyakaravye kabisa.

  • hahahahhaa muratsetsa kabisa imyaka 2 igiye gushira mukisetsa amahanga koko reka ndababaze gutumaho abo bimariye iki AU cg u Rwanda? ahubwo u Rwanda ruzahomba iki kuba u Burundi butaraje kwitabira inama ? hahahahahah inyungu nizanyu bwite kuko u Rwanda rufite aho rugeze kd rufite uko rubonwa mu rwego rwisi apana Africa rero mugabanye ubujiji mugezaho igitoki kigura 5000 frbu murumva atari ingaruka ziyo njiji yiboheye mu gihugu agahunga bagenzi biwe kubera ibara yirigwa akora murababaje murabo gusengerwa mukava ikuzimu mukajya ibuntu apuuuu aryeeee.

  • Hari abarindi b’ibizeze batarabona ko Peter yabatsinze igitego kera. Izo rizembe (mujeri) ni ukwirwa zihishe inyuma ya computer zandika ibitabapfu zisebya igihugu cyazibyaye

  • None mwabarungitse mutazi ko AU ibera kigali? ico mbona co nuko Nyakubahwa KAGAME ataco bimubwiye yikomereza imigambi yiwe y’iterambere, mbega mwarabonye ko yakiriye abakuru b’ibihugu barenga kuri 35 bose icarimwe mu Rwanda?? Uku niko gukunda igihugu no kugiteza imbere. Abarundi dukunda uburundi mu majambo gusa ariko mu bikorwa turabwanka tukavyerekana tubusambura. Kwivana mu nama nta nyungu irimwo, tuzosanga twarabaye ba nyamwigendako!

  • Iyo umugambi wo gukona imbwa uhari naho yotoroka ikiruka ntakintu biyimarira birangira bayikonye

  • Hhhh abarundi ni imbwa mbi ubundi ntambwa ijya mubantu imbwa ijya muzindi

  • Urwanda rukunda kwivanga nkurunziza azorukosora

  • @Lili, YVAN imbwa yambere ni KAGAME igaramye mu rugwiro i kigali. Mbere yo gutokora ijisho rya mugenzi wawe jya ubanza utokore iryawe

  • Ntavyogutukana twebwe abarundi tugikeneye kuko nyeninkomezi asanzwe adukoreramwo Mushoboravyose ntakunda abatukana niyompamvu mubona twebwe ubu dufise inkomezi bidasanzwe kandi atanubwoba tugiterwa nabiy’Isi kuko twebwe turimukomezi z’Imana ntadonora ekantawukorako icotukora nuguhasha too.

  • Nonezatachekuberiki Idaheze

  • Ntimuharire Vyishi Nugusenga Imana Igacisha Ahayo

  • @turaje@Yvan@Lili: (utubwa tw’i kigali)

  • Twebwabarundi,ntidutinya, Bantu. Dutinyimana,gusa yomwijuru

  • Twebwabarundi,ntidutinya, Bantu. Dutinyimana,gusa yomwijuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.