IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Intumwa za Reta zirabandanya guhumuriza abanyagihugu ku bivugwa

Intumwa za Reta zirabandanya guhumuriza abanyagihugu ku bivugwa

mercredi 22 Ndamukiza 2015

Reta y’Uburundi ibandanya ihumuriza abanyagihugu ko atantambara iriho, kandi ko atabirwanisho biriko biratangwa, nk’uko vyavuzwe na bamwe mu baserukiye Reta y’Uburundi hagati mu ntara.

Muri ivyo bikorwa vyo guhumuriza vyitabiriwe na bamwe mu bashikiranganji, mu ntara ya Muyinga hari hagiyeyo Nkezabahizi Tharcisse umushikiranganji w’ukumenyesha amakuru, mu ntara ya Bujumbura naho hariyo Giteruzi Dieudonne arongoye ubushikiranganji bw’iterambere ry’amakomine, nayo mu ntara ya Rumonge hariyo Pierre Sinarinzi, umwunganizi w’umushikiranganji w’ikigega ca Reta. Bose ijambo rya nka Sinarinzi, bakaba bariko barahumuriza abanyagihugu, ko batoza barumviriza ibihuha bitangwa, ku bijanye n’amatora, ko amatora azoba meza, nayo abakwiragiza ibihuha, ari abashaka gutoba amatora, ku nyungu zabo. Izo ntumwa za Reta zikaba zamenyesha ko atabirwanisho kandi biriko biratangwa na Reta, kandi ariyo ihimiriza ko uwutunze ikirwanisho wese atagifitiye uruhusha acakwa.

Tukabamenyesha ko izo ntumwa za Reta zariko zihumuriza abo banyagihugu, mu gihe abahunga bo babandanya, bavuga ko batinya Imbonerakure za CNDD FDD, hamwe n’uko hoshobora kwaduka intambara mu gihe Petero Nkurunziza yokwitoza ubugira gatatu. Abarundi barenga ibihumbi 8500 bakaba bamaze guhungira mu gihugu c’Urwanda, ndetse hakaba n’abandi boba bamaze kwinjira mu bihugu vya Tanzaniya na Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo, ku gutinya umutekano muke ushobora guhungabana.


Aristide Nizigire

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.