Accueil > Ico ubivuzeko > Intwaro nziza ni iki
 Intwaro nziza ni iki
 Intwaro nziza ni iki
				
				jeudi 17 Nzero 2013
Intwaro n’ikintu kigoye gutahura kuko bamwe n’abandi basigura iryo jambo ugutandukanye,umuntu wese ugasanga arisigura iryo jambo intwaro uko avyunva,mbere hari n’aho insiguro zitangwa usanga zirimwo ibihushane.
Ariko rero n’aho insiguro z’ijambo ubutegetsi usanga zitandukanye ,benshi usanga barisigura begereza gutwara neza.Baba abari mu bisata vya leta canke mu bigenga ,amajambo bahurirako mugusigura intwaro ni:ukuba ufise ivyiyunviro birashe kandi bishika kure,ukugira uburenganzira bwo gufata ingingo,kugenzura no kuraba ko ivyakozwev arivyo vyategerezwa gukorwa,n’ukugira kandi ibisata bitandukanye ukurikirana,mu ntumbero canke mu mugambi uba wihaye.
Intwaro nziza kandi ihamagarira umurongozi canke abo basangiye gutwara kuba umuntu yitwararika ineza y’abo atwara kandi akaba umuntu yumviriza akongera akorohereza abo basangiye ico gikorwa co kurongora abandi.
Intwaro ziri ubwoko bwinshi ariko izikunze kuvugwa cane n’ugutwara ishirahamwe ry’ ubudandaji ,n’ugutwara mu vya politique,ugutwara amashirahamwe ya leta canke ayigenga.
Mu gutwara mu vya politique harimwo gutwara ku rwego mpuza makungu,gutwara akarere no gutwara igihugu,ivyo rero bikorwa mu busumbasumbane bivanye n’ikibanza umwe wese aba afise muri iyo ntwaro.
Intwaro rero yerekeye:
 gutunganya ivy’igihugu ku neza ya  bose
 gutunganya ivy’igihugu ku neza ya  bose
 Gutwara amashirahamwe yaba mpuzamakungu ,yo mu karere canke yo mu gihugu
 Gutwara amashirahamwe yaba mpuzamakungu ,yo mu karere canke yo mu gihugu
 Gutwara amahinguriro canke ayandi mashirahamwe y’ubudandaji
 Gutwara amahinguriro canke ayandi mashirahamwe y’ubudandaji
 Gutwara amashirahamwe y’imibano canke yo kwiteza imbere.
 Gutwara amashirahamwe y’imibano canke yo kwiteza imbere.
Marie Claire Ingabire

Messages
3 Nyakanga 2015, 23:08, par RUCENGE
NUMURIMA USANGIYE BOSE
21 Ndamukiza 2016, 23:17, par Ricad
Muri’make-intwaro-nubuyobozi