IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inyuma y’iminsi mikuru ya Noël n’umwaka mushasha ubuzima burabandanya

Inyuma y’iminsi mikuru ya Noël n’umwaka mushasha ubuzima burabandanya

mercredi 2 Nzero 2013

Kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 2 nzero 2013,imirimo yabandanije mu gisagara ca Bujumbura inyuma y’iminsi mikuru yo guheza umwaka yahimbajwe muri ino ndwi yo kuva itariki 25 kigarama 2012 gushika itariki 1nzero 2013.

Nkuko twavyiboneye igihe twaca mu bibanza bitandukanye vyo mu gisagara ca Bujumbura muri kano gatondo,abantu bari batonze ku mirimo yabo ya minsi yose inyuma yaho bari bamaze iminsi bahimbaza iminsi mikuru iheza umwaka.

JPEG - 48 ko

Mw’isoko nkuru ya Bujumbura igihe twahashika mu gatondo twasanze abadandaza bamaze kwugurura ibibanza vyabo eka mbere n’abaje kugura vyaboneka ko bari bamaze kuhashika.Nko mu kibanza badandarizamwo ibifungurwa abantu bari benshi bamwe bagura abandi barengana ubona ko bagiye ku yindi mirimo.

Mu bindi bibanza twaciyemwo nk’ahakorerwa ubuzi bwa Reta, abakozi bariko baratonda ku kazi kuko no ku gituro c’ama bus vyaboneka ko abantu bamwe bambaye umwambaro werekana aho bakorera bari benshi. Mu mabanki naho nyene ibikorwa vyariko birakorwa ukuri kwamye.Ivyo vyari ukwo no muyandi mashirahamwe y’abigenga nko mu mashirahamwe yo gutumatumanako.

Naho rero iyo minsi mikuru yahimbajwe abatari bake twabajije batumenyesheje ko bagerageje kwiyungunganya kuko iyo minsi mikuru yageze bari mu bukene kuko batayihimbaje nkuko bavyipfuza.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.