IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Umwana w’umwirabure yambitswe izera inyuma y’imyaka 70 apfuye (...)

Umwana w’umwirabure yambitswe izera inyuma y’imyaka 70 apfuye anyonzwe

vendredi 19 Kigarama 2014

George Stinney yanyonzwe afise imyaka 14 yagirizwa kuba yishe abana b’abazungu babiri b’abakobwa. Inyuma y’imyaka 70 apfuye, ubutungane bwamwambitse izera.

JPEG - 18.4 ko
George Stinney, umuntu wa mbere yanyonzwe ku myaka 14

George Stinney yabaye umuntu wa mbere w’imyaka mike yishwe anyonzwe. Hari mu mwaka w’i 1944 kw’igenekerezo rya 23 Ntwarante ahitwa Clerendon mu ntara ya Carolina y’Epfo. Yagirijwe ko ariwe yishe abana b’abazungu babiri b’abakobwa, Betty June Binnicker w’imyaka 11 na Mary Emma Thames w’imyaka 8 baburiwe irengero. Bukeye kabiri batowe ibiziga bafise ibiguma ku mubiri wabo. Georges yoba ari muntu yabonye abo bakobwa ubwa nyuma kuko yabwiye abariko bagira amatohoza ko yabavugishije igihe bariko banyonga ikinga mu "quartier" abamwo hanyuma barahagarara bamubaza aho bokura amashurwe.

Haheze ukwezi kumwe, kw’igenekerezo rya 24 Ndamukiza, Georges yarafashwe ashirwa imbere y’ubutungane, maze inyuma y’iminota 10, abacamanza b’abazungu cumi na babiri bari bashashe muri urwo rubanza bamwagiriza icaha co kwica bunyamaswa abo bakobwa babiri. Baraheza bashira mu ngiro igihano co kunyongwa kw’igenwekerezo rya 16 Ruheshi umwaka w’1944.

Mbega Georges yanyonzwe gute?

Ababonye uko uwo mwana w’umwirabure yishwe bavuga ko vyari biteye agahinda ko n’ubu ntibaravyibagira. Georges yari muto ku buryo atashika ku ntebe irimwo umuyagankuba (chaise électrique) yaba imanitse hejuru. Baciye bazana ikintu ahagararako kugira ishike kuri iyo ntebe anyongerwamwo. Abo bari aho bavuga ko Georges yaciye yambikwa igitambara kinini mu maso imbere y’uko akororerwa kuri ya ntebe irimwo umuyagankuba hanyuma amaborogo n’induru vy’uwo mwana bigasamirana, abari aho bakicwa n’intuntu n’agahinda.

Inyuma y’imyaka 70 Georges yambitswe izera

Abashingwamanza buguruye urubanza rwa Georges, mu mwaka w’2013 bararonse ivyemeza bikwiye ko atariwe yishe abo bakobwa 2. Mu mwaka w’2009, mushiki wa Georges yatanze ivyemeza avuga ko uwo munsi Georges yari kumwe nawe ko kandi bagumanye, ikindi cemeza gikuru n’uko vyamenyekanye ko Betty June Binnicker na Mary Emma Thames baguweko n’icuma kinini kivuye ku nzira y’indarayi (chemin de fer). Abacamanza n’abo bakaba bari bagirije Georges ko yabakubise icuma, bamwe bakibaza namba uwo mwana yari afise imyaka 14 yari kwica abana basa n’abanganya imyaka nawe kandi ari babiri.

Kw’igenekerezo rya 17 Kigarama umwaka w’2014, umucamanza Carmen Mullins yafashe ingingo yo kurangiza urubanza rwa Georges, yambikwa izera amaze imyaka 70 apfuye.


Cherif Nkeshimana

Messages

  • Eh aba DD nibavutse unumusi!!!!!

  • voila l’ouevre de l’homme

  • POLE SANA WANGU, BIRABABAJE

  • mudutunge yemwe bamenyesha makuru muri kurubuga ntimuzoze mutumenyesha inkuru nkamwenizo kuko jewe numva umengo nosaba kubwumubabaro ntewe nizondyadya ngonabacamanza babazungu kubona bakoreye inkono ishushe icokibondo Gorges kubwubukene bwamatohoza bataribafise bagaca bashirimbere ubupfu ngonukuri ndababaye ndababaye ndishwe numubabaro kuri jewe umengo ivyabaye kurico kibondo umengo babimukoreye unomusi abobamenjamudutunge yemwe bamenyesha makuru muri kurubuga ntimuzoze mutumenyesha inkuru nkamwenizo kuko jewe numva umengo nosaba kubwumubabaro ntewe nizondyadya ngonabacamanza babazungu kubona bakoreye inkono ishushe icokibondo Gorges kubwubukene bwamatohoza bataribafise bagaca bashirimbere ubupfu ngonukuri ndababaye ndababaye ndishwe numubabaro kuri jewe umengo ivyabaye kurico kibondo umengo babimukoreye unomusi abobamenjamudutunge yemwe bamenyesha makuru muri kurubuga ntimuzoze mutumenyesha inkuru nkamwenizo kuko jewe numva umengo nosaba kubwumubabaro ntewe nizondyadya ngonabacamanza babazungu kubona bakoreye inkono ishushe icokibondo Gorges kubwubukene bwamatohoza bataribafise bagaca bashirimbere ubupfu ngonukuri ndababaye ndababaye ndishwe numubabaro kuri jewe umengo ivyabaye kurico kibondo umengo babimukoreye unomusi abobamenjamudutunge yemwe bamenyesha makuru muri kurubuga ntimuzoze mutumenyesha inkuru nkamwenizo kuko jewe numva umengo nosaba kubwumubabaro ntewe nizondyadya ngonabacamanza babazungu kubona bakoreye inkono ishushe icokibondo Gorges kubwubukene bwamatohoza bataribafise bagaca bashirimbere ubupfu ngonukuri ndababaye ndababaye ndishwe numubabaro kuri jewe umengo ivyabaye kurico kibondo umengo babimukoreye unomusi abobamenja bicogihe

  • Yooooooooooooo ndababye mumutima narakwirikye iyo nkuru nubu sindatora mitende....

  • Mwenemama #Niyonzima, humura niko bimeze kuri iyi si. Aha nanje nyene ishavu numva rirengako,kubw’ivyo vyashikiye ico kibondo Georges, atsindishijwe n’ibigugu vy’abazungu bitazi gutohoza,eka ndetse vyiziziwe n’amacakubiri yo ku rukoba.

    Ngo yambitswe izera kandi ari mu gataka?? ahaa,agapfuye kabazwa ivu.

  • Yooooo!!!!Emwe akarenganyo si akubu gusa. satan yatanguj amacakubiri kera cane gusa ntavyo twari tuzi .ariko ikibabaje nuko nubu aha i wacu bikibandanya kuba "gufungwa kwicwa gukubitwa kunyagwa, kubeshegwa.benibindi benivyo.natwe iwacu tukabijako ivyo batuzaniye izo ntumwa za satan ngo ni ababiligi n’abadagi.bakatwigisha ko hariho umuhutu!!umututsi!!!umutwa !!!!nayandi benedata tube umwe tugwanye ibidutandukanya .kuko ico satan ashaka nindyane urwanko ibibi vyose.twihangane tugwane mu mpwemu.murakoze muragahezagirwa n’ Uhoraho.

  • birababaje kuko kwambikwa izera utakiriho bidaheza bigusubize umwuka.nivyiza kugira amatohoza akwiye imbere yoguhana.

  • Uyo mwana arambabje kweri.

  • Ndababajwe n’urupfu rwuwo mwana Georges.koko biteye n’agahinda .ariko ntakundi ko vyamaze kuba .Georges yanyonzwe aruwera imbere y’Imana kuko atacaha yigeze akora nicogituma azozukana n’abandi beranda kuri wa munsi w’umuhero akararwa ubuguingo budashira.
    iyinkuru ikwiye kutubera icigisho ko imbere yo gufatira ingingo umuntu hakwiye kubanza kuba hagizwe amatohoza akwiye kuko kenshi benshi barahorwa umukeko nka Georges.Ndahojeje umuryango wa Georges nvuga nti Imana izobahorera.iki kibe icigwa kuri buri mucamanza.

  • BIRABASA ABABIPFA NABABISANGIYE

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.