Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Centrafrika : Abantu babandanya kwicwa izuba riva
 Centrafrika : Abantu babandanya kwicwa izuba riva
 Centrafrika : Abantu babandanya kwicwa izuba riva     
				
				jeudi 26 Ruheshi 2014
Inyuma y’indwano zabaye muri iyi minsi mu gihugu ca Centrafrika, bivugwa ko zahitanye abanyagihugu bagera kuri 70, n’abandi barenga ijana bakomereste nk’uko vyemezwa n’umwe mu ntwazangabo zo muri MISCA.
Imirwano imaze iminsi iba mu gihugu ca Centrafrika ku murwa mukuru wa Bangui, bivugwa ko abantu isinzi aribo bamaze kuhasiga ubuzima. Kuva ku munsi wa mbere igenekerezo rya 23 gushika kuri uyu wa gatatu igenekerezo rya 25 Ruheshi, i Bambari, intara iri hagati mu gihugu ca Centrafrika indwano zikaba zishushe. Abanyagihugu ubu bakaba bashobora kuva mu Buraruko bakaja mu Buseruko, ariko bagenda bafise ubwoba bwo kwicwa na bamwe mu bagizi ba nabi bo mu muhari wa anti balaka, canke abari muri seleka basanzwe bari mw’idini rya Islam.
Mukaba mwomenya ko no mu gisagara ca Bangui ibintu bitifashe neza, kuko muri amwe amwe mu ma quartier hagitorwa abantu bishwe nk’uko bishikirizwa n’amwe mu mashirahamwe aharanira agateka ka zinamuntu muri ico gihugu.
Aristide Nizigire
