IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Amajambo nkoramutima mu ruririmbo "Rest In Peace" rwaririmbiwe umuhisi Dr (...)

Amajambo nkoramutima mu ruririmbo "Rest In Peace" rwaririmbiwe umuhisi Dr Jack

mercredi 12 Munyonyo 2014

Inyuma y’urupfu rw’umuhinyanyuzi Dr Jack, abaririmvyi b’Abarundi baciye baja hamwe bakora ururirimbo rwo kumuherekeza no gukenguruka ivyo yagiye akoze.

JPEG - 292.8 ko
ikiziga kiriko gishirwa mu ruhafu

Nk’uko abaririmvyi n’abahinyanyuzi bagumye berekana ubumwe kuva igihe Dr Jack yitaba Imana, ntivyahereye aho. Abaririmvyi bagera kuri 20 bagiye hamwe bakora ururirimbo rwo guherekeza uwo muhinyanyuzi. Ururirimbo bise "Rest In Peace" baririmba bashima ubutwari bwiwe, bamusabira ku Mana, bavuga ko batazomwibagira, kandi ko bizeye ko bazosubira kubonana. Muri urwo ruririmbo basaba ko n’abandi bahinyanyuzi bomufatirako akarorero.

Bamwe mu baririmvyi bari mu murwi wariririmvye "Rest In Peace" ni : Mkombozi, Emery Sun, Yves Kolly, Adjoe, Kook-k, Sal G, Question G, Kebby Boy, Dj Pro, Alpha, Blandina, King Plata, Mcka Mapozi, R Flow n’abandi. Ururirimbo rwakorewe amajwi muri Afro Music n’umuhinyanyuzi Amili Pro na Yves Kolly.

Umuhinyanyuzi Dr Jack yitavye Imana mu gitondo co kw’igenekerezo rya 08 Munyonyo muri "Hopital Prince Regent, amaziko yiwe yabaye ejo haheze kw’igenekerezo rya 10 Munyonyo.

JPEG - 292.8 ko
ikiziga kiriko gishirwa mu ruhafu
JPEG - 202.9 ko
Isandugu yashinguwemwo Dr Jack

Umviriza amajambo nkora mutima ari mu ruririmbo "Rest In Peace"


Cherif Nkeshimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.