IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Inyungu z’abanyagihugu ntizibutswe n’abatoye itegeko rigenga abamenyeshamakuru

Inyungu z’abanyagihugu ntizibutswe n’abatoye itegeko rigenga abamenyeshamakuru

mardi 30 Ndamukiza 2013

Umuhinga muvya politike, umwigisha Pascal Rwankara yamenyesheje ko kubona inama nshingamateka na nkenguzamateka zaratoye itegeko rishasha rigiye kugenga abamenyeshamakuru bigaragaza ko abatowe badakurikirana inyungu z’abanyagihugu.

Ivyo yabishikirije mu ntara ya Mwaro, mw’ihuriro ry’abahurikiye mu runani rw’amashirahamwe adaharanira inyungu za politike, Forsc( Forum pour le Renforcement de la Societé Civile).

Naho biri ukwo, Petero Karaveri Mbonimpa, umukuru w’ishirahamwe ryiyemeje kurwanira agateka ka zina muntu n’akabafungwa, Aprodh yamenyesheje ko iryo tegeko rije kubera intambamyi abahurikiye mu mashirahamwe ataho yegamiye muvya politike, hamwe n’abakora mw’itangazamakuru bigenga.

JPEG - 6.9 ko

Mbonimpa ashikiriza ko ibimenyeshamakuru bifasha abanyagihugu kumenya ibiba vyashizwe ahabona n’ayo mashirahamwe mu bijanye n’ihungabana ry’agateke ka zina muntu. Yaboneyeho n’akaryo ko kumenyesha ko batarota bahagarika gushira ahabona abatubahiriza agateka ka zina muntu, icibagiwe co ni ukuvuga aho bazoba bakuye izo nkuru.

Ivyo bivuzwe mu gihe Jean Marie Kavumbagu, umukuru w’igisata kijejwe iyubahirizwa ry’agateka ka zina muntu mu murwi w’igihugu wubahiriza kiremwa muntu amenyesheje ko abarwanira agateka ka zina muntu harimwo n’abamenyeshamakuru bari bakwiye gukingirwa bikwiye, eka mbere n’amategeko abagenda agatunganwa neza.

JPEG - 29.6 ko

Yabivugiye mu ruganda rwahuza abakingira agateka ka ziza muntu bo mu karere duhurikiyemwo, rwamaze imisi ibiri kuva kuwa mbere igenekerezo rya 29 Ndamukiza umwaka w’2013.

Kavumbagu Jean Marie Vianney yashikirize ko icuka gihari kidahumuriza, aca aboneraho n’akaryo ko gusaba abamenyeshamakuru gufata ingingo zobatuma batarwa mu kaga.


Egide Nduwimana

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.