Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Inzara ivuye ku kaboregwe yatumye akomeretsa umugore, yica n’umwana (...)
 Inzara ivuye ku kaboregwe yatumye akomeretsa umugore, yica n’umwana wiwe
  Inzara ivuye ku kaboregwe yatumye akomeretsa umugore, yica n’umwana wiwe
				
				mardi 18 Ntwarante 2014
Mu gihugu ca Gabon hari umugabo yari yatashe yahaze urukanywa, bukeye inzara iramufata, n’ikwo gusaba umugore wiwe ngo amutekere utwo kurya, uwo nawe ntiyabikora nk’uko yabisabwe. N’ishavu n’akantu aca akubita hasi umwana bavyaranye ahava yitaba Imana.
 
- Paul Moungou Mbina yihekuye
Amakuru ava mu kinyamakuru co mu gihugu ca Gabon citwa gabonreview, amenyesha ko umugabo yitwa Paul Moungou Mbina w’imyaka 50 yubakanye na Moulanga Mireille, baba ahitwa i Matanda yishe umwana wiwe inyuma y’inzara yatewe n’akaborerwe.
Uwo mugabo Paul Moungou Mbina yari yaraye aborewe bidasanzwe, mu gitondo yazindukanye ikigoyi mu nda, nikwo gusaba umugore wiwe Mireille Moulanga ko yomutekera utwo kurya, ariko uwo mugore ntiyabikora nk’uko umugabo yabishaka.  Yagumye amwinginga biteba bimutera ishavu.
Ayo makuru abandanya amenyesha ko vyahavuye bivamwo gushwana wa mugabo atangura gukubita umugore aranamukomeretsa cane kw’itama. Wa mugore ati : "Ngwanye nabi", aca yinjira mu cumba gutekera utwiwe ngo ate yomoke.
Ishavu rwagumye rigwira kwa Paul, abuze wa mugore wiwe hafi, afata mushiki we yari ateruye umwana w’abo yitwa Sarah Esther, afise amezi umunani amukubita hasi n’ishavu ryinshi. Umwana ajanwa kwa muganga, aho yahavuye yitaba Imana inyuma y’amasaha make.
 
- Mireille Moulanga yakomerkejwe n’umugabo wiwe
Ahejeje kwikora mu nda, yaciye yishikana ku kirindiro c’igiporisi kiri ahitwa Port-Gentil. Uwo mugabo ariko rero akwirikiranwa n’ubutungane ku caha co kwica umwana wiwe.
Cherif Nkeshimana
