Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Inzego z’umurwi wa Afrika witaho agateka ka zina muntu zatowe
 Inzego z’umurwi wa Afrika witaho agateka ka zina muntu zatowe
 Inzego z’umurwi wa Afrika witaho agateka ka zina muntu zatowe
				
				jeudi 24 Gitugutu 2013
Umupfasoni Sylvia Kayitesi ava mu gihugu c’Urwanda ahejeje gutorwa kugira arongore umurwi w’Afrika ujejwe agateka ka zina muntu n’abanyagihugu co kimwe na Mohamed Khalfallah.
Inyuma y’uguhera kw’ikiringo ca Dupe Atoki wo mu gihugu ca Nigeria ndetse agaca aja kurongora igisata c’abasumyi mu gihugu ciwe c’amavukiro, abo bategetsi bashasha batorewe mw’ikoraniro risanzwe ry’umurwi w’Afrika ujejwe agateka ka zina muntu n’abanyagihugu ryatanguye kuri uyu wa 22 Gitugutu uyu mwaka.
Umupfasoni Kayitesi rero akaba yari asanzwe ariwe ajejwe kumenyesha ukwo ibintu vyifashe mu gisata c’agateka ka zina muntu n’akabanyagihugu mu bihugu vya Algeriya, Uburundi, Djibouti, Guinée Equqtoriale, ndetse akaba ari n’icegera mu murwi uriko ukora ku bijanye n’igihano c’ugupfa. Uyo mupfasoni anarongoye urwego rw’akarere rwo gukingira n’uguteza imbere ibisata vy’agateka ka zina muntu, n’iyubahirizwa ry’amasezerano yateweko ibikumu n’amaleta y’Afrika muri ivyo bisata.
 
- Sylvia Kayitesi
IGIHE
