IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > umutekano > Inzego z’umutekano ziragabisha abavuga ko bazokwihereza amabarabara

Inzego z’umutekano ziragabisha abavuga ko bazokwihereza amabarabara

mercredi 24 Kigarama 2014

Inzego zijejwe kwivuna abansi no gukingira umutekano w’igihugu ziriyamiriza abavuga ko bipfuza kuzogira imyiyerekano yo kwiyamiriza amahinyu yabonetse mu gikorwa co kwandika abazotora.

Imigambwe 18 itavuga rumwe n’ubutegetsi, harimwo n’abanyeporitike bigenga, nka Rwasa Agathon, umushingamateka Karori Nditije, iheruka kugabisha ko izokora ibishoboka vyose kugira isabe ko ukwandika abazotora mu 2015 vyosubirwamwo. Umushingamateka Karori Nditije, umwe muri abo banyeporitike, yamenyesheje ko biteguriye n’ukuja mw’ibarabara mu gihe ivyo iyo migambwe isaba bitotorerwa inyishu.

N’amwe mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike ariyo : urunani FORSC hamwe n’amashirahamwe nka APRODH, COSOME, LIGUE ITEKA, OLUCOME, ACAT Burundi, RCP, na DUSHIRE HAMWE, yarashikirije amakenga yayo mu bijanye n’ubusuma bwibonekeje mw’itangwa ry’amakarata karangamuntu, hamwe n’igikorwa co kwandika abazotora caranguwe muri rusangi mu kwitegurira amatora. Ayo mashirahamwe yamenyesheje ko mu gihe bokwanka kubumviriza ico gikorwa kigasubirwamwo, ko biteguriye gukora ivyo barekurirwa n’amategeko, harimwo n’uguhamagarira abanyagihugu mw’ibarabara.

Inzego z’umutekano ziragabisha abashaka kuzokwihereza amabarabara

Mw’itangazo inzego z’igiporisi n’igisirikare zasohoye kuri uwu wa kabiri, ziriyamiriza zivuye inyuma abavuga ko bipfuza kuzogira imyiyerekano yo kwerekana amahinyu yabonetse mu gikorwa co kwandika abazotora. Izo nzego zemeza ko umutekano wifashe neza mu gihugu, zikagabisha abashaka kugereranya Uburundi na Burkina Fasso. Muri iryo tangazo, André NDAYAMBAJE, umuyobozi mukuru w’igiporisi yibutsa ubwicanyi bwakurikiye igandagurwa ry’umukuru w’igihugu wa mbere yari yitorewe n’abanyagihugu, akamenyesha ko inzego z’umutekano zitazokwihanganira uwuzoshaka kudurumbanya umutekano w’igihugu.


Egide Nduwimana

Messages

  • Sinibaza ko muzobarasa bose ngo mubamare kuko ivyokurikira vyoja kugatwe kanyu,ni mureke iterabwoba kuko hamwe CENI yokwica amatwi ntakabuzako abanyagihugu batoja mwibarabara kugira bagaragaze akababarokabo.nonenikuberikimwanka ko basubiramwo iryo yandikwa kuko muziko mwivye kandi muziko mwamazegutsinda amatora kandi ataragera.ntakabuzaturaja mwibarabara,turabe ko muzoturasa muktumara.

  • Police nabasoda mukore akazi kanyu muhashe mwivuye inyuma uwo wese ashaka kudurumbanya igihugu.Rwasa we,baraguhenda nugendemwo uzovyicuza

  • Nn harinahamwe vyigerabiba bavyera iryo niterabwoba niko eduard yakubwiye?

  • ubwo mwaba polisi mwe bo mur DD mwaraciye kunteb yishure kweli? aho ntimworekan na DD mugakora akazi mwize. nimba mwifuza kurasa abanyagihugu barik berekana akababaro kabo knd kuja mwibarabara barabifitiye uruhusha murarase turabe kuk ubu ntabwob turabiteguriye neza. ah naho mubesher igisirikare ntimurikumw kuk bobo barazi akazi kabo. muvyitonder kuk mugahirahira mukarasa ntimuducika

  • None ivyo bihuriye he n’ubwicanyi bwakurikiye iyicwa rya Ndadaye? Ko yishwe n’abasoda hari ubwo yishwe no kuja mw’ibarabara? Ubu rero mwibe hanyuma duhore ngo muzorasa abazojayo? Mbe murazi ko mudashobora kwica abanyagihugu bose? Mudakoze ivyo bashaka bazoja mw’ibarabara nyene kandi na mwebwe muzoba obligés yo kubakurikira nimwabona ko ata kundi mwogira!!!

  • @ police burundi karabona namaza muti muzorasa??!!666#ngo abishe ndafaye nibande!!!??sabasoda!!!???uti uburundi si burukinafaso!!!??bivugako abArundi ari intama??mana yanje we!!!ko aruko ndABARAHIYE mukarasa umuntu intambara izoba itaguye ?? Abagore,banyu abana banyu murondere iyo mubAnyegeza ndabarahiye tuze turabe???kora akazi kanyu basha amahera muhebbwa nayo abanyagihu sayaba dd (murawatsa tuze turabe uwuhomba tuzogira kurya dd yangira ikiri mwishamba yica abagore babasikare nabana babo kumitumba tweho tuzogwiza nakabiri ntitu 5h obora kwemera kuguma mubikene kubera ubugugu bwanyu )

  • Mbe ndayambaje wibaza ko hamwe mwo Rasa n’umunyagihugu numwe ko woduterana intwambwe zibiri Tu takurashe natwe. Ukwiye kumenya ko ntawe urusha kurasa. Murihende maze tuze tubereke ko Nkurunziza ababesha. Inkoho zigura make kandi nizindi tuzo zikura muri mwebwe. Ubu si 2010 mwishe abantu nti hagira ingaruka ibashikira. Ubu muriyamvye. Turi maso. Bene data itabe ako kamo maze twikureko iyo mihirimbiri.

  • Ndabaza, none mushaka Ko abajejwe umutekano wigihugu abantu batangaze Ko bagiye gusenyagurika mumabarabara imbere yamazu yabantu imbere yamazuyubudandarizo binashobotse bagire ivyobonona maze abajejwe umutekano wigihugu bigire biyicarire kugatebe barabire!? Mbega hakobabazwa Ko ivyabaye vyabaye biyicariye barebera ndibofuma babazwa kobagwrageje kubabuza?

  • va muri politique mbe mwibagiye ivyo mwakoze kuva muri 1972 tutarabitwarira muri cpi, rindira gusa.

  • Muburundi vyaracankanye!!ko iryo tangazo umengo ririmwo amahinyu agaragara! ndumiwe!

  • Erega ndayambaje abanyagihu si umugore wawe na bana utegeka ngw,injiramunzu burije.ivyo vyibagigwe rasa n,umwe tukwereke ayimbwa yaboneye kumugezi ivyo abana numuryango turikumwe hano.cisha agace Bunyoni

  • Jamwibarabara babereke ivyo mwigize ukamengo igihugu nicakajagari?ahubwo arinkanje nobatobagura nkatanga akarorero kuwafuye arashwe!

  • Ivyo vyose abantu batavuga rumwe na Leta bavuga numunwa gusa.ni baje mwibarabara turabe!!!tubigishe indero nimba batayize

  • Musabe Nditije,ahendahende Rwasa, Nyangomana Minani.....,n’abandi bahutu b,ibihemu,badufashe kumara abo ba(hutu),munyuma tubiyicire ntibazotugora,natwe mushishikare kuduha ibirwanisho,imyiyerekano itanguye tuzoca dutangura tubereke abo bahutu.

  • Abo mwishe baramaze!!! Kandi nta bwoba mutera abandi amaraso tuva niyoo muva. Amaboko mufise niyo dufise. Aho rero nta wukanga uwundi. Ahazoboneka ukuri kuzotsinda. Kandi ndazi ntakekeranya ko muzotembagara. Mu bikino Akayabu kabiriye nyina. Turarambiwe n’intwaro z’agahotoro n’ibisuma.

  • Abahinga muvya filozofi,bemeza ko ikimenyetso cambere cerekana uwatsinzwe muvyiyumviro,ari ugusotora nogushira intambara imbere mumafuti.mwiyumvire namwe umuntu avuga ko yize,ko ajejwe umutekano w’Abenegihugu,hama bavuga bati mukwerekana akababaro kacu,kubikorwa bigayitse vya ceni kandi nayubwayo yamaze kwiyemerera, turaja mw’Ibarabara kuko bemer’amakosha ariko bakanka kuyakosora.hama wa Murinzigito wabo ngo nujayo ndakurasa.Ingingo zitsinda icogipolisi ca dd nizi:1 ko uvuga ko ujejwe gucunga umunyaburundi wese,hoba harimwo abatemerewe kugaragaza akababaro kabo nabavyemerewe mukabatumenyesha kugira bo ab’aribo bazitabira urwo rubanza mwataziriye guhungabanya umutekano. 2.Abarundi dusanzwe tuzi ko aho abanyamibe bari ariho ntawupfunya intoki,uyo mutekano muvuga biraboneka ko atari uwusanzwe ahubwo aramanyanga yanyu bazoba bariko baburizamwo. 3 nimba tudasangiye ingorane na burkina faso,mwikekera iki,ko uburundi bwohava buba nkayo mwino minsi kandi ba agowe kimwe?
    UMUHAMAGARO KU BANYAGIHUGU:nimwe mukunze kuvuga ngw’akagumye bagumakn,noneho ntanikigumye kirimwo,kuko n’abapolisi batari bake baramaze gutahura amafuti yabo bampema zuzuye,rero sirimwe sikabiri umuntu yishimira intsinzi y’ urugamba ataratangura munyuma akaruhira gutsindwa.

  • IVYO BI DD VYANKA KUKO BIZI KO VYIVYE KURI FICHIER ELECTORAL ,,NIBEMERE DUSUBIREMWO IYANDIKWA AHANDI HO BARAMAZE KWIBA KANDI BOCA BATSINDA ATARI VYO ..EREGA NI ABAIYAHUZI!!!!!

  • Ereg’uBurundi burimw’abagabo sibwaburundi’bwakera.murapimamujemumabarabara murab’ayimbwayaboneyekumugezi’mbegakotuzinezako murinkehwa muzojanamumigumuko’nande??murahendwa’mubona.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.