Accueil > Amakuru > Muri Afrika > Irak : Impunzi zibandanya kwiyongera
 Irak : Impunzi zibandanya kwiyongera
 Irak : Impunzi zibandanya kwiyongera
				
				jeudi 9 Nzero 2014
Ishirahamwe mpuzamakungu ONU mu gihugu ca Irak riragabisha ko hashobora kuba ikibazo c’imibereho y’abantu mu ntara ya Anbar, aho imiryango iharurwa mu bihumbi ibandanya guteshwa izabo.
Umwe mu bategetsi bakuru bo mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU muri ico gihugu amenyesha ko abantu benshi babandanya guhunga, inyuma y’aho igisagara ca Fallujah cigaruriwe n’imirwi ivugwa ko ikorana na Al-Qaeda.
Intumwa y’ishirahamwe mpuzamakungu ONU muri Irak, Nickolay Mladenov, avuga ko imiryango irenga 5000 yahunze igisagara ca Fallujah, inyuma y’aho ibifungurwa, amazi n’imiti bitanguriye guhera.
Ariko rero, umukozi wo mu muryango Red Crescent utabara imbabare muri Irak avuga ko igitigiri c’imiryango yahunze kirenga igitangwa n’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, kuko we avuga ko hamaze guhunga abaharurwa mu bihumbi 13.
Tubamenyeshe ko abarwanyi bo mu mirwi ya Islamic State of Iraq na Levant baracigaruriye ibice bikomeye muri ico gisagara ca Fallujah
IGIHE
