IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > Utuntu n’utundi > Urukundo > Iran: Umukobwa amaze kwahukana incuro 10 mu myaka 2

Iran: Umukobwa amaze kwahukana incuro 10 mu myaka 2

mardi 10 Ntwarante 2015

Umukobwa wo mu gihugu ca Iran yarengukijwe imbere y’ubutungane yagirizwa gukoresha amayeri "escroquerie". Uwo amaze kwahukana incuro 10 mu myaka ibiri.

Amakuru atangwa n’ikinyamakuru 7sur7 ntatanga izina ry’uwo mwigeme w’imyaka 20 amaze kwahukana incuro 10 mu myaka iri munsi 2. Ubutungane bumukurikira ku caha co gukoresha amayeri "escroquerie".

None uwo mukobwa yabigenza gute?

Uwo mwana w’abakobwa yakunda kuja mu butambiro bwo mw’ijoro "boites de nuit", yaba agiye kuronderayo abahungu bava mu miryango itunze. Uwo abonye yiketse canke abonye ko afise umuryango utunze cane yamugira umugenzi. Inyuma y’iminsi mikeyi bamenyanye akamusaba ko bokwubakana. Mw’ijoro ry’umunsi w’ubugeni, uwo mukobwa yaca yanka ko bagira amabanga y’abubatse. Maze agasaba igice c’amahera umuhungu ategerezwa guha umuryango w’umukobwa iyo ubugeni bubaye bita"douaire". Umuhungu ashobora gutanga amahera canke inzahabu. Ubugeni butabaye, uwo muhungu ategerezwa kuyatanga naho nyene.

Ayo makuru ava kuri 7sur7.be avugako hari itegeko ry’aba Islam ryo mu mwaka w’i 1979 rivugako ubugeni butabaye umukobwa ashobora gusaba igice c’amahera ari mu masezerano umuhungu yagiraye n’umukobwa imbere y’uko ubugeni buba. Kubera iryo tegeko uwo mukobwa uko yanse ubugeni kwose yahabwa indishi iharugwa hagati y’inzahabu zingana 100 canke 110 canke amahera aharurwa hafi mu ma dorari 30.000 ku muhungu umwe.

Irindi tegeko ryo mu gihugu ca Iran ritegekanya ko igihe ubugeni butabaye ku mugaragaro, umukobwa aca ahabwa uburenganzira bwo gufutisha muri vya bitabo vya Reta umuhungu bagira bubakane. Inyuma yaho yaca arondera uwundi muhungu maze bikaguma uko gushika ku bahungu 10 bahukanye inyuma y’imyaka 2 gusa.

Ubutungane bumaze kubona izina ry’uwo mukobwa rigaruka cane mu bitabo vy’abo, ni ko kumurengutsa.


Cherif Nkeshimana

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.