IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Irina Bokova agira ati « Turi ngaha kugira dushigikire u Burundi (...)

Irina Bokova agira ati « Turi ngaha kugira dushigikire u Burundi »

lundi 11 Ntwarante 2013

Kuri uyu w’Imana,igenekerezo rya 10 Ntwarante 2013,Umukuru w’igihugu c’u Burundi Petero Nkurunziza aherekejwe n’umutambukanyi wiwe Reverende Denise Nkurunziza niho bashika i Paris mubufaransa,aho bakira mu gitondo umuyobozi mukuru wa UNESCO Irina Bokova.

Umukuru w’igihugu c’u Burundi yarashimiye Bokova kubw’umuco uhari kuva kera uhuza UNESCO n’u Bururndi.

Yisunzek’umugambi w’2025, mugutunganya imigambi y’iterambere ku kiringo kirekire,no mu gisata cayo ca CSLPII (umugambi wishinze kurwanya ubukene) wo kuva mu 2012 gushika mu 2016,Petero Nkurunziza yaragaraje ko yipfuza ko UNESCO yobandanya ishigikira u Burundi ,ngo muri ico gihe u Burundi buzoba bufise inyungu z’amahoro.

Kubw’umuyobozi wa UNESCO,yarashimye ishaka rya politike umukuru w’igihugu afise no kubwigoro agira kubijanye n’amahoro no kuvyo kurwanya ubukene, na cane cane ashimikira kugikorwa nyamukuru c’indero n’akamaro ku kwiga ku buntu eka no kubijanye no kwinonora imitsi mu ntumbero yo kugira amagara meza.

« Turi ngaha kugira dushigikire u Burundi »,ivyavuzwe na Bokova mu gihe yariko aragaragaza ko mu migambi yabo, bafise ishaka ryo gushigikira u Burundi mu mice itandukanye y’ubumenyi no muburyo budomweko urutoke ,gufasha gushira mu ngiro imigambi itari mike Petero Nkurunziza yahamagariye gushimikirako :

Aho twovuga ,icipfuzo c’igihugu co kubona ingoma z’u Burundi zija ku murongo w’ibikorwa vy’utugenegene mu ntumbero y’imicokama y’iterambere,umugambi wo kuronswa uburyo bwa kijambere bwo gusoma ibitabo canke umugambi wo kuronswa igisata kijejwe ibijanye no kwiga ivy’utugenegene no kwinonora imitsi,yerekeye ikigo co kwinonora imitsi c’akarororo bihwanye n’akarere.

Urwo rugendo umukuru w’igihugu yagize mu Bufaransa guhera kuri uyu w’Imana,ruzorangira ku munsi wa kane.


Mariella Bukuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.