Accueil > Kwidagadura > Abacuraranzi > Isabukuru ry’abaririmvyi mu Cibitoke
Isabukuru ry’abaririmvyi mu Cibitoke
lundi 25 Ntwarante 2013
Kuwa gatandatu igenekerezo rya 23 Ntwarante 2013 , mu ntara ya Cibitoke, ishirahamwe ry’abaririmvyi b’abarundi bafadikanije n’ubushikiranganji bw’urwaruka, inkino n`imico kama bateguye isabukuru y’umuziki mu ntumbero yo guteza imbere umuziki w’u Burundi.
Abaririmvyi benshi b’abarundi baratumiwe, abashoboye kwitaba ni nka : R-flow na Chanelle, Mkombozi, Lolilo, Black-G, Silas Damara, Happy Famba, Alain Nova, Annick Kabatesi, Paggio Patrick, Wiliams, Miss Arlene, Elly’s Boy, Ariane Kanyamuneza, Emelence Emmy, Happy Mackiss Manegura, Willy na Mr Juif.
Iyo sabukuru yatunganijwe cane cane mu ntumbero yo guhimbaza umunsi mukuru wahariwe umukenyezi kw ‘isi yose, wahimbajwe ku rwego rw`igihugu kuwa gatanu igenekerezo rya 22 Ntwarante mu ntara ya KARUSI . Ishirahamwe ry`abaririmvyi b’abarundi bahisemwo kwifatikanya n`intara zine arizo : CIBITOKE, BUJUMBURA MAIRIE ,BUJUMBURA RURAL na BUBANZA mw`isabukuru(FESTIVAL).
Nk’uko uwuserukira uwo muryango avuga, muri ico giteramwo abaririmvyi b’abigeme bahawe umwanya wa mbere , ukwo kukaba kwabaye kubakundisha umunsi wabo.
Nk’uko Bruno yabishikirije, ivyo bizokorwa ku rwego rw’igihugu cose. Yarangije ashimira abaririmvyi, n’abarorerezi bitavye ako kamo
Joel Sengurebe



