IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Isanganya ryatumwe n’umunezero udasanzwe w’umwaka mushasha

Isanganya ryatumwe n’umunezero udasanzwe w’umwaka mushasha

mercredi 1er Nzero 2014

Abantu batandukanye baraye barahimbaza umwaka mushasha mu mihingo itandukanye y’u Burundi, eka no mu gisagara ca Bujumbura umwaka mushasha ukaba wahimbarijwe ahantu hatari hake.

Bamwe baraye gukengurukira Imana kubona yarabarinze, ikabashikana muri uyu mwaka wundi, abandi nabo bawuhimbarije mu butambiro, mu mazu y’ubunywero, mu miryango yabo, n’ahandi. Abo bose bivanye n’uburyo bwabo, bakaba barahimbaje amaza y’umwaka mushasha.

Ariko rero hakaba hari abanezerewe cane, ndetse birashika naho biyibagira. Ivyo bikaba ari ivyashikiye abasore bari bavuye kunezerwa, aho bagonze uruzitiro rw’ibanki CRDB, umwe akaba ariwe yakomeretse, mu gihe iyo modoka yarimwo bane. Uwariko aragendesha uyo muduga akaba yagenda ataco yinona, kandi biboneka ko we nabo bari kumwe bari barushe, niko guca bahitana icapa co kw’ibarabara, mu nyuma baca bagonga urwo ruzitiro, muri aka gatondo ku wa mbere Nzero umwaka w’2014.

Tukaba twobamenyesha ko, gushika nk’isaha zitatu z’agatondo, rumwe mu rwaruka rwagenda ruravuza amahoni y’imiduga, ubona ko umunezero ari mwinshi, ariko rukibagira ko rwari mu miduga, utaravye neza ngo uwugendeshe ukurikije amategeko, ugashobora kuhasiga ubuzima.


Aristide Nizigire

Messages

  • Yoooo?jewe nanje ndi umusore ariko mba hanze nshima aho uburundi bugeze none ko?mwokwitonze mwozaramba.nahano ndi rwose usanga twe urwaruka aritwe tuhasiga ubuzima kandi aritwe gihugu cejo rwaruka ngaho mwitonde kandi muzi yiko uwitonze amira ibinoze.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.