IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirahamwe ABETO ryaronkeje agashimwe umukuru w’igihugu Petero (...)

Ishirahamwe ABETO ryaronkeje agashimwe umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza

mercredi 4 Ntwarante 2015

Umukuru w’igihugu c’Uburundi yaronkejwe agashimwe k’ishirahamwe ryo mu gihugu c’Ubuganda ryitwa ABETO.

Ako gashimwe yaronkejwe, kakaba kari kamaze n’uguhabwa bamwe mu bakuru b’ibihugu canke abigeze kurongora ibihugu, aha tukavuga nka Nelson Mandela yahoze arongoye igihugu ca Afrika y’Epfo, Julius Nyerere yahoze arongoye igihugu ca Tanzaniya, Salva Kiir umukuru w’igihugu ca Sudani y’Epfo n’abandi. Iryo shirahamwe rero rikaba ataho ryegamiye muvya poritike, ryavutse mu mwaka w’1996 mu gihugu c’Ubuganda, rikaba ritera intege abanyafrika kwama bihangana n’ugushigikira amahoro.

Iryo shirahamwe rikaba rishimira abitanze kuruta abandi mu guharanira amahoro aho baherereye hose, na cane cane muri Afrika, gutatura amatati bidaciye mu migere, kwihanganiranira, intwaro ibereye, gutwara neza n’ibindi. Iryo shirahamwe kandi, rikavuga ko ryashimiye umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, kubona yarakoze bigashimwa, mukugarukana amahoro mu Burundi, mbere no muri Afrika.

Ku bw’umukuru w’igihugu Petero Nkurunziza, abarundi bose barakwiye gutamba bagatarika, kubona ivyo bakora bishimwa n’amakungu. Avuga ko amahoro bagezeko yabonetse bitoroshe, kandi ku ntererano y’amakungu n’akarere, ari naco gituma Uburundi buzama buja gufasha kugarukana amahoro mu bihugu bitandukanye, kuko aho bwaciye buhazi. Petero Nkurunziza akavuga ko Uburundi buca buja gufasha kugarukana amahoro muri Sudani y’Epfo.

Mukamenya ko ivyo birori vyari vyitabwe n’abashingamateka n’abakenguzamakteka, abashikiranganji, abakora mu biro vy’umukuru w’igihugu n’ivyegera vyose vy’umukuru w’igihugu, eka n’abakozi bakuru bakuru bo mu bushikiranganji butandukanye n’igendereza, ariko bamwe mu baserukira ibihugu vyabo mu Burundi na bamwe mu bakuru b’amadini bakaba batahabonetse mu birori vyo gukeza umukuru w’igihugu.


Aristide Nizigire

Messages

  • mu bintu vyose mwadondaguye nta nakimwe petero nkurunziza kimuraba
    ako gashimwe abagatanze bafise iyindi ntumbero bagatangiye

  • Mukabura gutwenga!!!!!!!!!!!, amahoro ari hehe? no mu mitima yabo nyene ntihagira namba ndabarahiye naho ntahabona ivyo akora biravyerekana.

  • Peter ariko ararondera ikimwibagiza itoroka rya Radjabu.hahahaha. Abantu yirirwa aranyonga abandi akerera nk’impene abona kwakwiye agashimwe k’amahoro? Ewe Burundi waragowe. Mugabo ico nshimye nuko abaserukira ibihugu vyabo hamwe n’abarongoye amadini batahahonyoje ikirenge kubera bobo barazi ukuri kw’iyo ntwaro ya Peter MARASO.

  • Mutama Felicitatiooon ubugira kandi. Ubandanye uronka imigisha ikomoka ku Mana n’abantu. Maze uwukwanka akwandureko. urabona ukuntu abanyamahanga barusha Abarundi bamwe bamwe kubona ivyo mukora. Mugabo manyina nabo bareka gushima mugabo babibonye. Irambire

  • Ndababwire abantu batarikoko baranezererwa mwakinogihe ndabona arigihombo gikomeyecane, nongeye gukeza umukuru wigihugu cacu cuburundi nyenicubahiro Petero NKurunziza ubugirakeshi cane gose, aharero. YARAVUTSE IMPUNDU ZIRAVUGA’ PETERO NKURUNZIZA URAKARAMBA, AHUGEZEHOSE IMPUNDUZIRAVUGA ’ PETERO NKURUNZIZA URAKARAMBA.

  • Abanditse bose amajambo yugutukana nugutyozanya gerageze muze marakoreshubwenge kuko burya ishavu Ryibwa riherera mumurizo kandumwana yankwa niwakura reke kwibabarizubusa

  • Erega Peter yihay ibara!!!!Abandanya agura udushimwe nubu kudushirahanwe tutazwi!!!!That!s a shame for our country!!!

  • haaaaaa harabavungongo ntamahoro ahari bayabuze mumitima iwabo kuko bafisivo bagamije mumosi barafatwa nagahweka nkurunzizawacu nakomere yaje batamushaka azohaba batamushaka abobantu bamyeho kuva krra hagezamatora abarundi turazahodushira

  • none boba bagatanze kubera bishe abantu beshi naho ubu twarabahinyuye muzehe ww turakwemera muga hishwe ababikira bo mukamenge na bingozi icibagiwec nabarundi bahaherey bija kurind wiyemej gutwa ighugu ukabona abicwa ukarab hiry bibazwa ww ic nogusab rekura yimanda kand umenyek amaraso ahuma nomwijuru azogukurikirana nanj nzogusabira agukurikir ntak wakoz neza muga amaras nikindi kint

  • none boba bagatanze kubera bishe abantu beshi naho? ubu twarabahinyuye muzehe ww turakwemera muga hishwe ababikira bo mukamenge na b ingozi icibagiwec nabarundi bahaherey bija kurind wiyemej gutwa ighugu ukabona abicwa ukarab hiry bibazwa ww ic nogusab rekura yimanda kand umenyek amaraso ahuma nomwijuru azogukurikirana nanj nzogusabira agukurikir ntak wakoz neza muga amaras nikindi kint nimba baguhay agashimwe nanje uzoze ndakaguhe kitiriw gukerera ako baguhay nak kitiriw uwakerey abantu beshi peter nkurunziza muzeh vyakoze adorophe muga agashimwe kagatora ww? kandi vyose niw biraba niw uzobibazwa cank uduhe urwo rugabo adorophe turwice turute mur acide wase naho niw uzoharwa twara aya mezi abiri asigay utubis natwe ndagusabirak worangiza manda yaw neza ukaza natwe tukakubaza ivyaha wakoze nubushimwe warose

  • ahaaaaa wehontuje urimiribabandi ngobugurirwahe natwebwe tubugure urinyankaburundi pe urimuribabandi badashima basondabirimwo ntibirama rekamutamawacu yironkerudushimwe yarakoze gusadusumbanyagukora muzojakwibukakuyora mwasheshe sindakibesha ayomashirahamwe ntazobagaburira nahomizoja mumabarabara atacowasize muhira uzoburarape nawe yiyoge akuya uwamutimye amuhembe kuko yakoze namwe mibabakoreshwa mukumufasha kugumuka akamishe mwebwe arye mwebwe mutabizi arose ntimuzosubira kunwumva kuri rpa nahandi rwaruka nimwikebuke mukore uyumusi uwutaremyisoko ntafungura muraraba nayonkurunziza nukozipe yadukoreye vyishi kandi simpaka mumukunde mwese yajabizi azinabajemwo ukobameze

  • nagatore ariko abobakamuhaye kobakamuhaye ubwanyuma atagisubira kukaronka twizereko bazomuha akandi bakamusanza kumusaga

  • nagatore ariko abobakamuhaye kobakamuhaye ubwanyuma atagisubira kukaronka twizereko bazomuha akandi bakamusanza kumusaga

  • nagatore ariko abobakamuhaye kobakamuhaye ubwanyuma atagisubira kukaronka twizereko bazomuha akandi bakamusanza kumusaga

  • Miri Iki gihe kigoye kuri Perezida w’Uburundi, ntiyari akwiye gukorakukintu na kimwe kivuye mu bihugu bikeba! Ubu hasigaye hari ubudyo bwinshi bwo kwicana. None undabire abo bantu bose bakorakoye kuri ako ( gashimwe)! Abarundi, na cane cane Abahutu bafise experience ntoyi cane gose mu vyerekeye umutekano!

  • @ Ndayi, ubundibushimwe uvuze bazoha prezida Nkurunziza bakabumusanza ahowiseKu Musaga wodusobanurira icowashatse kuvuga?.

  • nuwera ndakwishure mugenzi nashatse kuvuga yuko abobamuhay agashimwe bakamuhay ubwanyuma kuko atazosubira kuba perezida ahubwo ashobora kuja kumusaga bakamugemurira agashimw kicayi numukat

  • @ Ndayi, muvyurimwo urambwira vyananiye gutahura, kuko abahabwa ubushimwe singonbwako barinda kuba abakuru bibihugu, hanyuma ivyabanababantu bifuza nkukwokwawe imbere y’Imana sikobibabimeze , akarorero nokubwira nukuntu twebwe bamwemubarundi twigezekubatwifuzako uwari prezida Buyoya yomererwa ariko biramazekubonekanako ivyotwiyumvira kwarukwihenda nokuvogera Imana kuko bamwe uyumusi Buyoya twasanze arumubtu wambere ashaka kubananabandi mumahoro ntangere nicogituma uyumusi uvuzenabi Buyoya nocandakuraba ikihisho kandi narigeze kumwitako yobanyagupfa.

  • mbe burya mwarimuziko uwumuhaye agashimwe ariwe ashimirwa!araragura agashimwe.

  • ninkina mico ngwamahoro namaraso y’abantu ari kumutwe wiwe ngo nayo yakaronse uburundi bugira 38 kubihugu murongo itanu na babiri ahabwo ngira yatanze ayabona urazi ko afise menshi mugabo ico nomwifuriza nuko yoheza neza ntitwumve ariko acigwa urubanza rwivyo yakoze ahandi ho ryoba ibara yirigwa araronkas ama prix .

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.