Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirahamwe CICR rirashima uko rikorana na Leta y’Uburundi
Ishirahamwe CICR rirashima uko rikorana na Leta y’Uburundi
lundi 23 Nyakanga 2013
Ishirahamwe mpuzamakungu ritabara imbabare CICR (Comité International de la Croix Rouge) mu karere ka Afrika yo hagati, ari nako nyene Uburundi burimwo, rirashima ukungene Leta y’Uburundi yamye yorohereza ibikorwa vy’iryo shirahamwe, rikiyemeza kubandanya gukorana n’Uburundi mu bikorwa vyo gutabara imbabare.
Mu mubonano umukuru w’igihugu c’Uburundi Petero Nkurunziza yahaye mu gatondo ko kuri uyu wa mbere, intumwa zo mu karere ka Afrika yo hagati z’ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho imbabare CICR, Patrick L’Hôte, ajejwe gutunganya ibikorwa vy’iryo shirahamwe mu karere ka Afrika yo hagati yamenyesheje ko bashimira Uburundi kubona buri mu bihugu vyo muri Afrika vyorohereza ibikorwa vy’ishirahamwe CICR.
- Patrick L’Hôte, ajejwe gutunganya ibikorwa mu karere ka Afrika yo hagati mw’ishirahamwe CICR
Patrick L’Hôte, kw’izina ry’ishirahmwe CICR ritabara imbabare yiyemeje kubandanya bafasha Uburundi mu migambi yabo, nk’iyo basanzwe bakorana n’ubushikiranganji bw’ubutungane, ubushikiranganji bw’umutekano, n’iyindi.
Ishirahamwe CICR (Comité International de la Croix Rouge) ryiyemeje kandi kuzobandanya ibikorwa vyo kugendera no gufasha imbohe ziri mu munyororo nk’uko bahora babikora, hamwe no gufasha abasirikare b’abarundi bari mu makungu mu bikorwa vyo kugarukana amahoro n’umutekano.
Umukuru w’igihugu, Petero Nkurunziza yasavye iryo shirahamwe ko rwofasha kandi Uburundi mu bikorwa vy’ihangiro ryo kurwanya ubukene mu gihugu.
Egide Nduwimana