IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirahamwe FOCODE rirabeshuza ivyo ryagirijwe n’insamirizi REMA (...)

Ishirahamwe FOCODE rirabeshuza ivyo ryagirijwe n’insamirizi REMA FM

mercredi 5 Ruhuhuma 2014

Ishirahamwe FOCODE (Forum pour la Conscience et le Développement) ririyamiriza ivyashikirijwe n’insamirizi REMA FM, aho iyo nsamirizi yamenyesheje ko ifise amakuru ko ishirahamwe FOCODE ariryo riri inyuma y’umutekano muke n’akajagari bimaze iminsi vyibonekeza kw’ishure ryisumbuye ryo mu Kamenge ETS (Ecole Technique Secondaire) ryigisha imyuga.

Mw’itangazo basohoye ku munsi w’ejo kuwa kabiri, ishirahamwe FOCODE rimenyesha ko ryaguye mu gahundwe ryumvise ivyashikirijwe n’insamirizi REMA FM, ko bafise amakuru yo kwizerwa ko ishirahamwe FOCODE riri inyuma y’akajagari kibonekeza muri ETS Kamenge. Ishirahamwe FOCODE rimenyesha ko ayo makuru y’insamirizi REMA FM ryayafashe nk’ibinyoma, kandi nk’ayafise intumbero yo gucanishamwo, kuko iyo nsamirizi REMA FM itashoboye kwerekana ivyemeza ko umutekano muke n’akajagari vyo kw’ishure ETS biterwa n’ishirahamwe FOCODE.

Nk’uko tubikura muri iryo tangazo ryateweko umukono na Denis Ndayishemeza, icegera c’uwurongoye FOCODE, biratangaje ingene insamirizi REMA FM ariyo yonyene yokwagiriza ishirahamwe FOCODE, kandi ata na hamwe iryo shirahamwe ryigeze rivugwa, haba mu vyashikirijwe n’abanyeshure bo kuri iryo shure, canke haba muvyashikirijwe n’abigisha. Muri iryo tangazo bati, hako iyo nsamirizi yokwihutira kwagiriza FOCODE ata vyemeza ifise, bari bakwiye gukora amatohoza kugira batange amakuru ajanye n’uwajanye kuri ETS Kamenge ishano ryagira rihitane umunyeshure Marc Ndereyimana, icatumye umuyobozi w’ishure ETS yirukana abanyeshure bose kandi hari haheruka gushirwaho umurwi w’amatohoza wiga ibibazo biri kuri iryo shure.

Ishirahamwe FOCODE rihamagarira urwego rw’igihugu rujejwe itangazamakuru mu Burundi gukurikiranira hafi amazi atarenga inkombe amakuru atangwa na REMA FM nsamirizi, hamwe no guhagurukira insamirizi zishikiriza ibinyoma bidafise ishingiro, mu kwirengagiza amategeko n’akarangamutima bigenga itangazamakuru mu Burundi.


Egide Nduwimana

Messages

  • Jewe nibaza ko abarundi basigaye bagwaye mumutwe kuko ubonye ibiba, ibivugwa, ibigigwa eka nukuri muburundi hasigaye abantu bake bakomeye mutwe imana idufashe.

  • iy radio ndayirindriy icizovyarira ik gihugu!kuk ibint yigir bitey ubwob,ark kimw gusa tout coule tout change

  • Je nararondeye umusi Pacifique yovugisha ukuri narawubuze.Uratetereza abakureze n’abakwigishije bose kuko umengo warategereye cane ikintu co guhengama no kwambara identité nyinshi;urahitamwo imwe.Burya mu ma radio yose ari i Burundi womenyera ari Rema FM YOBA IBESHA KURUTA IZINDI ZOSE?

    Ku bisigaye navyo vy’igihugu,Imana ihangaze uburundi iburinde icaha c’ubusambanyi n’ubukunzi bw’inda urabe ko ibisigaye bidatembera

  • Iyo radio ivyoyavuze kuri Pacifique nivyo jewenahoranibaza ngonijewegusa nimvako ivugoyiwe ariyogusenya noguteranya nkagira nijewe nobamfise ugutahuraguke! Haruyundimuntu igihekimwe twarihamwe twimviza ivyo Pacifique yarikwaravugira kwiradiyimwe mwizo radios zisamiranira i Burundi ivyovuze icogihe warumuriro mazendabwira uwomugenzi nti uyumuntu kwateyu bwoba? Mazuwomugenzi acaram bwira ngo atuyumugabo araregeje ngwari nankomeshereze iyintwaro yaba DD ngoniyo yatwononeye kanditwarikugifatacose! ntakindinarengejeho ahubwonaramaramaye. Ayama komanteri mubo natwandikangaha dushigikira uriya nuriya abayasoma bazozebarakoresha ubwenge buvakw’Imana, Mwavyumvise ko harihuwumviseko Pacifique yavuzenabi ngwari aramushigikiye kubera akomesha intaro (leta) irongowe naba CNDD FDD.

  • Hahaa
    Mr Kamaro turabona aho wegamiye sha niwihorere
    Pacifique mureke ivyo mukora tuzobibona!
    Muriko mushaka aho mumukura nka Rufyikiri kuko nibo mvuga kuri bagwanira I neza nibintu vyigihugu!
    Hanyuma please ntusubire kuvuga Imana uriko uvuga ibintu nkibi bizogufasha!
    Aho kuvuga abategura ubwicanyi uvuga abubaka!
    Bible itubwira ngo duhezagire abansi Bacu reka twe tubahezagire! Umuregwe neza ncuti!

  • @Mama, mbere yo kurungika comment uzaze ubwira umuntu azi neza ikirundi agukosore hama twumve neza ico ushaka kumenyesha, nayo ubundi nimba warize hehe vyanyobeye. Ntuziko mu kwandika batandukanya indome???? nimba kandi waravuye mw’ishamba hamwe naba dd nsubira mw’ishure uzogaruke ngaha uzi kwandika neza

  • Kubwanje Nibayuko Akenshi Iradiyo Idakunzekuvuga Ibidatohojwe.Mugabontivyobuzakugira Amatohoza.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.