IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirahamwe ITEKA risaba igipolisi kwisunga amategeko mu guhe co (...)

Ishirahamwe ITEKA risaba igipolisi kwisunga amategeko mu guhe co gusaka

mardi 11 Myandagaro 2015

Mw’itangazo ryo kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 11 Myandagaro,Ishirahamwe Ligue ITEKA ryitaho agateka ka zinamuntu rimenyesha ko hari abantu bafatwa n’igipolisi ariko ntihamenyekane iyo bajanwa.

Muri iryo tangazo,mw ‘ ishirahamwe ITEKA bamenyesha ko batewe umutima uhagaze n’ingene hari abantu bafatwa mw’ijoro kandi amategeko y’Uburundi atabirekura,inyuma y’isaha icumi na zibiri z’umugoroba.

Anchaire Nikoyagize umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe ITEKA avuga ko abantu 21 bafashwe muri quartier ya Jabe,hari kandi n’uwundi yafashwe n’igipolisi mw’ijoro ryo kuw’Imana aca atorwa muri komine ya Cibitoki ari ikiziga bukeye.

Ishirahamwe ITEKA risaba igipolisi c’Uburundi gukoresha amategeko mu gihe co gusaka,kandi bakabikora hose badacaguye.


Van Naris Mugisha

Messages

  • N’ukuri turasabye amakungu azane igisirikare cake ibigwanisho bose badasobanuye kuko abariko babikora babyaka bamwe urwaruka rw ishaka riri ku butegetsi bakarureka kandi agateka kazinamuntu kahungabanye kuva kera!none abantu bicwe bunyamaswa murorera?turarushe pe

  • ntakateka kigipolice kakiriho ntikigikora ngipolice cizewe nabene gihugu mana tabara uburundi

  • Wewe urihenze vuguti ntuzeya wokwanaka baramutwaye ariko ntutuzi iyari, canke uvuge umuntu izinaryiwe kandi uvugeko wipfuza kujakumuraba maze nutamuronka uzoheze uvuge ayamuhe ukwiniko muriko murazika igihugu canyu muvyita umukino. Ariko ikibabaje nuko munanirwa kubisobanuranezako hariho abantu bajemuburundi binkozizibibi bitwa Inkotanyi iconamazekumenya nuko ahobabasanze babunze nibirwanisho barabazimanganya pee’ mwebwerero kubera bajegukoramabi mumpisho arikomukabamuyashigikiye birabababaza ariko bikabagora gufoborako Inkotanyi zaje muburundi zigotewe muburundi kandizihashiriye. Mukishinga kuyingira muvugango harihabantu batwarwa ntibamenye irengero ryabo , nanjenicogitumanakubajije ngo abobantu nabokwande? Niwavuga umuryangowabo ahuherereye ngaha Burundi ndazi kobari mubusho bwongaha Burundi, mugabongoharabantu batagirizina nizonkotanyi zajekutumarira kumabarabara nugutangamahugurwa yukuntu hotanguzwa imbarutso yokuryanisha abarundi, ivyorero twaravyase reka bayongayonge namwengo harihabantu mutamenya irengeroryabo! Harihabantu batagiriziza? Ndashaka kubwira abarundiko ubushatse kuvuga izokotanyi zinjiye kwigisha abarundi ukobokorwa vyokumarana kandi aribene Burundi, turabankiye rekatubasye muzohakure icirwa ntihagire mukindigihugu muzosubira kujakwigishamwo akokabikabishe.

  • erega si abapolisi ni imbonerakure zambaye umwambaro w’igipolisi zinyuruza abantu zigaca zibica atacamira. ivyo vyose reta imenye ko bitebe bitebuke izobibazwa hamwe n’izo mbonerakure zayo.

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.