IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirahamwe Kira dukire! ryahagurukiye ibikorwa vyo kurwanya umugera wa (...)

Ishirahamwe Kira dukire! ryahagurukiye ibikorwa vyo kurwanya umugera wa SIDA

vendredi 29 Ntwarante 2013

Ishirahamwe ryitwa Kira Dukire ! rigizwe n’urwaruka rugera kuri mirongo itatu harimwo abazi kuririmba , abakina amareresi, abandika ibitabo n’abandi bakora ibikorwa bitandukanye.Bakaba bagiye hamwe mu ntumbero yo kurwanya umugera wa SIDA n’izindi ndwara nka malaria hamwe n’igituntu.Icicaro cayo kikaba kiherereye I Bujumbura mu komine Nyakabiga.

Iryo shirahamwe Kira Dukire!(A.K.D) rishimikira cane cane kubijanye no kurwanya umugera wa sida mu rwaruka kandi ko mu ntumbero zindi bafise harimwo gutsimbataza democratie no gukingira ibidukikije batibagiye guteza imbere agateka k’abana b’impfuvyi bakabona rero ko izo ntumbero zabo batozishikako batabanje kugwanya umugera wa SIDA

JPEG - 119.9 ko

Ubu mu rwego rwo kurwanya uwo mugera baramaze iminsi baremesha ibiteramo bitandukanye harimwo nk’ivyo bakoreye mu ntara ya Gitega ahantu hane hatandukanye, hamwe nikindi baherutse gukorera hano i Bujumbura ku kigo c’urwaruka ca Kamenge.

JPEG - 53.7 ko

Aho hose babikora babicishije mu ndirimbo zabo mbere baramaze gukora Album y’indirimbo zo kurwanya ico kiza . Ikindi muri uyo murwi harimwo abaririmvyi nka Mkombozi na Miss Arlaine.

Ivyo biteramo biritabwa cane kuko badatangisha amafaranga yo kwinjira. Abaririmvyi rero barabanza bakaririmba mu nyuma bakaboneraho no gutanga izo nyigisho kubijanye n’ico kiza ca SIDA.

JPEG - 50.6 ko

Muri ivyo biteramo vyose bari bafise icivugo « Ukuri gushirira mu kuyaga ». bisobanuye ngo abantu begeranye bakayaga bashobora gutora umuti w’uburyo bokwirinda umugera wa Sida kuko benshi banduzanya bataba baganiriye kw’ikoreshwa ry’agakingirizo.


Joel Sengurebe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.