IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryakebuye abanyeporitike bo mu (...)

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryakebuye abanyeporitike bo mu Burundi

samedi 15 Ntwarante 2014

Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ban Ki-Moon yamenyesheje amakenga afise ku cuka ca poritike kiri mu Burundi, aho habaye ugutana mu mitwe hagati y’abanywanyi b’umugambwe MSD, hamwe n’abajejwe umutekano. Ban Ki-Mon yahamagariye impande zose kwihanganirana kugira umutekano ntuhungabane.

Mw’itangazo yasohoye, Ban Ki-Moon, umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, yasavye abo vyega bose ko bokwubahiriza ubwigenge bwo gushikiriza ivyiyumviro, kugira n’abatavuga rumwe n’ubutegetsi bubahirizwe mu ntwaro rusangi.
Kubwa Ban Ki-Moon, ukwubahiriza ubwigenge bwo gushikiriza ivyiyumviro, hamwe n’ukureka n’abandi bagakora mu mwidegemvyo, nivyo bizofasha igihugu c’Uburundi gushika mu matora yizewe, kandi ahuza bose mu mwaka w’2015, mu ntwaro rusangi.

Mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU basavye abatwara, abanyeporitike bose, hamwe n’abahurikiye mu mashirahamwe adaharanira ivyicaro vya poritike ko boja hamwe, batorere inyishu ibibazo bihari, ishirahamwe mpuzamakungu ONU naryo rikaba ryiyemeje kubashigikira.

JPEG - 44.2 ko
Umunyamabanga mukuru w’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ban Ki-Moon

Muri iryo tangazo, mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU barangije bahamagarira imigambwe yose gutanguza uruganda rwo kurwanya uguhohoterana n’ukutihanganirana muri poritike, imbere y’uko ikiringo c’amatora kigera, kandi bose bame bibuka ivyo biyemeje mu rupapuro rw’inzira rwemejwe muri Ntwarante 2013, hamwe n’amasezerano y’i Arusha.


Egide Nduwimana

Messages

  • ICIYUMVIRO COFASHA CANE NUKO AMAKUNGU YO FATIRA IBIHANO RETA YABICANYI KUKO BITAGENZUKO ABANTU BITEZE GUPFA KUBWA RETA IRIHO UBU ITIGEZE KUBAHO KUVA
    ABA FNL BONYENE BAMAZE KWICWA BARENZE 1000 AHO NTIHAVUZWE ABANGAZWE BAGOREWE HANZE YIGIHUGU
    ABO BATAVA MUNTARA IMWE NA PRESIDENT JEWE NAFOTOYE PROVINCE INGOZI BAMBWIYE KO IMANA ARIYO IMFASHIJE KO BOMBONA NOCA MFUNGWA
    AHO NA KARANGA KI GIHUGU UMUNTU ATEMEREWE KUKIFOTOREZAKO
    AGASAKA KA INARUNYONGA

  • mwavuga nuko mutavura kuko aboba dd bose womengo bararwaye ntibumva amatwi yarazivye,nahahandi ho mwabahimpanuro wapi indandende nokwikwegerako,gukumirabandi bituma batumva,nukwishima

  • uyumisi ONU irahagarutse nkukumenga niho ikibibona naba FNL bamaze kwicwa ikaguma irorera!!! harageze ko baza gushiraho ayandi ma pio kugira babandany batwara ubutunzi bwa africa atacamira bivanye namacondition bazoha uwo bagomba kwimika! peter nibisanzwe ntazosubira gutwaruburundi kuko abamushizeho bamaze kumukota mauvais ariko uwuzobutwara wese ntazokora ivyo yateguye kuko harizindi plan zimuraririye ngo ONU birababaje kweli

  • mbega hoho sinduhije hamwe yoza kubutegetsi yokora iki???? ntaho tuvuye kandi ntaho tuja. ari cndd,ari msd,ari frodebu,ari buyoya,ari uprona,arinde,nuko mudakwiye kwizera numwe

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.