IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ubumwe bwa Buraya bwatanze infashanyo yo gufasha impunzi z’abarundi

Ubumwe bwa Buraya bwatanze infashanyo yo gufasha impunzi z’abarundi

mardi 5 Rusama 2015

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ryatanze amafaranga angana n’umuriyoni umwe n’igice w’amafaranga y’abanyaburaya azofasha mu kugarukira no gukingira impunzi z’abarundi bari mu bihugu bihana imbibe n’Uburundi.

Nk’uko vyamenyeshejwe mw’itangazo ryagiye ahabona kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 5 Rusama, ayo mafaranga yatanzwe kuko igitigiri c’abahunga Uburundi ciyongereye cane mu ndwi ziheze, ayo mafaranga kandi akaba ari mu miriyoni 47 z’amafaranga y’abanyaburaya, yagenewe akarere k’ibiyaga binini muri uno mwaka w’2015.

Muri iryo tangazo Christos Stylianides komiseri mw’ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya ajejwe kwitaho abari mu ngorane no kurinda impanuka, avuga ko kubona hari abahunga mu karere amahoro ataratsimbatara, ari ibintu bibabaje cane ku kiremwamuntu, kandi kikaba ikibazo ku bihugu bibanyi bidafise ubushobozi bukwiye bwo kwakira impunzi.

Iryo tangazo rivuga ko Urwanda,Republika iharanira Intwaro rusangi ya Kongo hamwe na Tanzaniya bugarijwe n’ikibazo c’impunzi nyinshi zivuga ko zihunga iterabwoba,gufatwa nabi hamwe no guhohoterwa.

Gushika ubu iryo tangazo rivuga ko abantu barenga ibihumbi 30, ahanini bagizwe n’abagore n’abana bamaze guhunga, hakaba hari ubwoba ko ico gitigiri gishobora kwiyongera, kuko gushika kw’igenekerezo rya 3 Rusama Urwanda rwari rumaze kwakira impunzi zirenga 24 700.

Ishirahamwe ry’Ubumwe bwa Buraya rikamenyesha ko rikurikiranira hafi ibiriko biraba,rigashira ahabona kandi amakenga ku gitigiri c’impunzi kibandanya kwiyongera.


Van Naris Mugisha

Messages

  • abakiriye zo mpunzi bongeye barariye, abo muri congo bo bazayagabanira igoma.
    ariko muzadutohoreze amakuru avugako batanze n’ayandi mumigumuko ngo izompunzi zongerekane abazungu babone akazi babone uko bagabanya ubuchomeur iwabo!!!

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.