IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ishure ryisumbusuye Lycee Rutana rirakenye utuzu twa sugwumwe

Ishure ryisumbusuye Lycee Rutana rirakenye utuzu twa sugwumwe

lundi 18 Ruhuhuma 2013

Iryo shure rifise abanyeshure barenga 800 harimwo abahungu n’abakobwa ariko rifise utuzu tubiri gusa twa sugwumwe turimwo ibinogo 12. Umuyobozi w’iryo shure asaba ko ababishoboye cane cane ubushikiranganji bw’indero bofasha mu kubaka utundi tuzu twa sugwumwe.

Ishure ryisumbuye Lycee Rutana ryubatswe mu mwaka w’1988. Ryategerezwa kwakira abanyeshure 400 ariko ubu hariyo abanyeshure barenga 800. Kuva ryubakwa ntirira subirwamwo ngo rinagurwe kiretse kurisiga irangi gusa.

Iryo shure rifise utuzu twa sugwumye tubiri turimwo ibinogo 12 gusa. Abanyeshure bamenyesha ko utwo tuzu twuzura hakiri kare hanyuma hakaba umunuko mwinshi bigatuma haba umwanda mwinshi. Ingwara zituruka kw’isuku rike ngo zirakunda gufata abanyeshure.

Iyo hageze kuja kuruhuka, abanyeshure batonda umurongo kugira baje mu kazu ka sugwumwe. Umwe yatubwiye ati’’Iyo tugiye kwihagarika canke ku mwanda mukuru turateba cane. Turatonda umurongo muremure bigatuma ducererwa mw’ishure canke gufungura. Haraho mbere abadashoboye kwihangana baja kwihararika no kwituma hirya y’ishure’’.

Abo banyeshure basaba ko boronswa utundi tuzu twa sugwumwe kugira bashobore kworoherwa mu kwiga.

Umuyobozi w’iryo shure Emmanuel Manirambona amenyesha ko abanyeshure barengewe n’utuzu twa sugwumwe kuko ngo ni duke cane. Iyo hageze ko abanyeshure baja kuruhuka, ngo baracererwa mw’ishure bigatuma ivyigwa bigenda nabi.

Emmanuel Manirambona asaba imvukira z’intara ya Rutana gufasha kugira hubakwe utundi tuzu twa sugwumwe. Asaba kandi ubushikiranganji ko bworonsa iryo shure inyubakwa zikwiye harimwo n’utuzu twa sugwumwe.

Umuyobozi wa Lycee Rutana amenyesha kandi ko hakenye n’imatera zo kuryamako. Avuga ko abanyeshhure baryama ku matera zatabaguritse bigatuma badasinzira neza.

Ivyo navyo ngo biri mu bituma n’ubumenyi butagenda neza kuko batiga neza iyo bataryamye neza. Asaba ubushikiranganji n’abagiraneza guterera iryo shure ibikenewe kugira ubumenyi bwiyongere.


Pierre Claver Niyonkuru

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.