IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Isoko nshasha yitezwe mu mpera z’uku kwezi

Isoko nshasha yitezwe mu mpera z’uku kwezi

mercredi 3 Ndamukiza 2013

Inyuma yaho abahora bandariza mw’isoko nkuru ya Bujumbura bidogeye bavuga ko ubuzima bwabananiye kuko batakigira aho biyungunganiriza, ikinyamakuru canyu “IGIHE” cishikiye ahahora ikibuga benshi bita ica Cotebu, ari naho hariko hubakwa isoko nshasha abadandaza bazoba barakoreramwo mu kurindira ko hubakwa iyindi ya kijambere.

JPEG - 56.6 ko

Ushitse muri ico kibanza usanga ibikorwa biriko birabandanya ukuri kwamye. Uwubihagarariye yatumenyesheje ko bari guhezana n’ukwezi kwa gatatu kwaraye gutashe iyo batagira ingorane z’ukubura ibikoresho.

Biciye ku biro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, umurwi ubijejwe warongewe ikiringo ishirahamwe Setemu gushika mu mpera z’ukwezi kwa Ndamukiza. Kubw’uwo ahagarariye ibikorwa, icizere ko bazoba bahejeje kiriho kuko intwambwe bagezeko irashimishije.

JPEG - 51.5 ko

Ku kibazo co kumenya ibibanza bizoba bigize iyo soko n’uburyo buzokoreshwa mw’itangwa ry’avyo, uyo abihagarariye ashikiriza ko bizomenyekana ibikorwa biheze ariko akavuga ko ibibandahori biriko birubakwa birenga mirongo itanu hamwe n’inzu y’ubuyobozi, n’utuzu twa surwumwe.

JPEG - 42.4 ko
JPEG - 52.1 ko

Egide Nduwimana

Portfolio

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.