IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Isoko rusangi mu karere ni ngira kamaro

Isoko rusangi mu karere ni ngira kamaro

mercredi 20 Ruhuhuma 2013

Ubushikiranganji bwo mu biro vy’umukuru w’igihugu bishinzwe iyinjira ry’u Burundi mu karere ka Afrika y’ubuseruko bwaratunganije kuri uno wa kabiri igenekerezo rya 19 Ruhuhuma 2013 inyigisho ku bapolisi bakorera ku mbibe ku bijanye n’isoko rusangi mu karere ka Afrika y’ubuseruko.

Nk’uko Jean Rigi umunyamabanga ntayegeyezwa muri ubwo bushikiranganji yabimenyesheje ,ngo gutembera mu mwidegemvyo,guhanahana ibidandazwa niyo yari intumbero nyamukuru y’izo nyigisho.

Kubwa Ambassadeur Jeremie Ndayiziga yatanze icigwa,ngo abo bapolisi bacungera uruja n’uruza ku mbibe baronse izo nyigisho bazofasha mu kwigisha mu bisata bitandukanye bakoreramwo ibijanye n’akamaro ko kugira isoko rusangi mu karere ka Afrika y’ubuseruko.

Nk’uko yabandanije abimenyesha,isoko rusangi ni ngira kamaro ku karer kuko bizotuma akarere kagenderanira,kagahana kandi ibidandazwa bigatuma ubutunzi bwiyongera.
Tubamenyeshe ko iyo nama izomara iminsi itatu kuva kuri uno wa kabiri gushika kuri uno wa kane igenekerezo rya 21 Ruhuhuma 2013.


Mugisha Van Naris

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.