IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Ababuriye ivyabo mw’isoko nkuru ntibipfuza kuvangurwa mu gutanga (...)

Ababuriye ivyabo mw’isoko nkuru ntibipfuza kuvangurwa mu gutanga ibibanza

vendredi 4 Ndamukiza 2014

Abadandaza bahora bakorera mw’isoko nkuru ya Bujumbura babicishije ku babaserukira baratakambira Reta ko hatoba umwana n’ikinono mw’itangwa ry’ibibanza mw’isoko mfatakibanza ya COTEBU.

Abadandaza bahoze bakorera mw’isoko nkuru ya Bujumbura bamenyesha ko bafise amakenga atari make ku vyerekeye uko ibibanza bizotangwa mw’isoko mfatakibanza yo kuri COTEBU. Nk’uko Gabriel Kabura umwe mu baserukira abandi badandaza yavyiganiye ikinyamakuru IGIHE, ntibikwiye ko hoba ivangura mw’itangwa ry’ibibanza muri iyo soko nshasha. Abo badandaza barababajwe n’ukungene Reta aho kwihutira kubatabara, yihutiye kubagaburamwo imirwi ibasaba ivyangombwa arivyo NIF (Numero d’Identification Fiscal) na Registre de commerce, kandi ahanini abenshi bari babiburiye mw’isoko nkuru ya Bujumbura yahiye igatokombera.

JPEG - 147.8 ko
Isoko yo kuri COTEBU ikiriko irubakwa (Photo IWACU)

Inyuma y’ibikorwa bitari bike vy’umurwi wari ugizwe n’abadandaza n’abaserukira Reta, abaserukira abadandaza bahisemwo gukinjura kuko babona ko hatanguye kwibonekeza ugushaka kuvangura abadandaza. Inyuma yaho, nk’uko abo badadandaza babandanya babishikiriza, uwo murwi wari usigayemwo abari muri Reta baciye batanga amanota ayo n’ayo bakayatanga bisunze umwaka umudandaza yaronkeyeko ivyo vyangombwa, naho bataravuga neza ico ayo manota bazoyakoresha. Abo badandaza basaba ko hatoba umwana n’ikinono. Abo badandaza botegerejwe gufatwa ku rugero rumwe, kanatsinda bahuye n’ivyago bimwe. Abo badandaza babandanya basaba ko Reta itorinda yimena umutwe irondera ingene ivangura abadandaza, ahubwo nifatire ku nimero z’ibibanza bari basanzwe bafise mw’isoko nkuru ya Bujumbura.

Gabriel Kabura arangiza asaba abadandaza kuguma bafatanye mu nda, kuko bimirije ibihe bikomeye vy’itangwa ry’ibibanza muri iyo soko ya COTEBU. Abo badandaza basaba kandi umurwi CNIDH kutadohoka kwibanga, ahubwo ko wobandanya kubahuza n’ibiro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, aho ibiganiro bisa n’ivyahagaze. Ku cerekeye naho ko isoko izokwugururwa igenekerezo rya 6 Ndamukiza, Gabriel Kabura avuga ko ari urukurukuru, kuko mu gihe nabo nyene vyega batarabishikirizwa, bibaza ko iryo sango atariryo. Mu biro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, biciye kuri Melchior Simbarakiye, umuvugizi w’ibiro vy’icegera ca kabiri c’umukuru w’igihugu, barahumuriza abo badandaza kuko umurwi ujejwe ico kibazo utaratangura kwiga ivyo bazofatirako mu gutanga ibibanza muri iyo soko.


Floxella Karire

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.