IGIHE Burundi

Amakuru, Poritike, Ubutunzi, Diaspora, Inkino, Muzika & Amasanamu, Ubuhinga bwa none, Akahise......

Accueil > Amakuru > u Burundi > Isozerwa ry’icunamo ku banyarwanda baba mu gihugu c’Uburundi

Isozerwa ry’icunamo ku banyarwanda baba mu gihugu c’Uburundi

samedi 13 Ndamukiza 2013

Indwi yahariwe ukwibuka ihonyabwoko ryakorewe abatutsi mu gihugu c’Urwanda mu mwaka w’1994 yasozerewe ku mugoroba wo kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 13 Ndamukiza 2013, mu nyubakwa za Hotel royal Palace, mu gisagara ca Bujumbura, muri Komine Kinindo.

JPEG - 45.7 ko

Abanyarwanda isinzi bari bitavye ivyo birori vyatewe iteka n’abategetsi bo ku rwego rwo hejuru, harimwo uwuserukira igihugu c’Urwanda mu Burundi Augustin Habimana, uwaserukiye Leta y’uburundi, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, Edouard Nduwimana, abaserukiye ibihugu vyabo, abarongoye amasengero atandukanye.

JPEG - 37.8 ko
JPEG - 34.7 ko

Iyo ndwi twokwita iy’ikigandaro(icunamo) yaranzwe n’ibikorwa vyinshi harimwo ibiganiro vyo guhanahana ivyiyumviro ku mabi y’ihonyabwoko n’ingene yotuzwa burundu, ikaba nk’umugani. Abanyeshuri bo mu ishuri rikuru "Hope Africa University" berekanye agakino gatanga ishusho y’Urwanda imbere hamwe n’inyuma y’ihonyabwoko ryahitanya abanyarwanda barenga umuliyoni b’inzirakarengane.

JPEG - 42.2 ko
JPEG - 40 ko
JPEG - 40.9 ko

Mu majambo yagiye arashikirizwa, umushikiranganji Edouard Nduwimana yateye ivyatsi iryo bara kw’izina ryiwe n’irya Leta yaje yaserukiye. Yasavye abari ngaho kwamirira kure ivyiyumviro vyogarukana ako kabi kabishe kasize amarira n’amaganya mu banyarwanda. Yashimye utwigoro twagizwe n’abarongoye Urwanda mu gutuza no gushikiriza ubutungane abagirizwa ihonyabwoko, akeza n’intambwe bagezeko mw’iterambere kuko bayamaze bati “Mu nda harara inzara hakazinduka inzigo”. Yibukije ko Leta y’Uburundi yifatikanije n’Urwanda mu kugwanya ibikorwa vy’iterabwoba iyo biva hose.

JPEG - 35.6 ko

Uwuserukira igihugu c’Urwanda mu Burundi yakengurutse ubutwari bw’ingabo z’igihugu c’Urwanda zagarukanye amahoro. Augustin Habimana ashikiriza ko hari ibikorwa kuko hari abakoze ihonyabwoko batarashikanwa imbere y’inzego z’ubutungane.

JPEG - 33.6 ko

Egide Nduwimana

Portfolio

Messages

Un message, un commentaire ?


ANDIKA ICIYUMVIRO CAWE KURI IYI NKURU

AMATEGEKO AGENGA IYANDIKWA RY’ICIYUMVIRO CAWE:
Ntiwandike ibitajanye n’iyi nkuru, ibitutsi, ivyararaza uwundi canke ibicanishamwo, ntiwandike ibiteye isoni.
Andika email yawe aho vyagenewe. Iciyumviro cawe kija ahabona ari uko camaze gusuzumwa na IGIHE.bi.
Ibi bidakurikijwe, iciyumviro cawe gishobora kutaja ahabona canke kigafutwa, murakoze.